Publicidade

Salmos 115

1 Ntabe ari twebwe, ewe Uhoraho, ntabe ari twebwe

ariko icubahiro kibe ic’izina ryawe,

ku bw’urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe.

2 Ni kuki abanyamahanga bavuga bati:

"Imana yabo iri hehe?"

3 Imana yacu iri mw’ijuru;

ikora ibiyihimbara vyose.

4 Ariko ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu,

vyakozwe n’intoke z’abantu.

5 Bifise akanwa, ariko ntibivuga,

bifise amaso, ariko ntibibona.

6 Bifise amatwi, ariko ntivyumva,

bifise amazuru, ariko ntibimoterwa.

7 Bifise intoke, ariko ntibikorakora,

bifise ibirenge, ariko ntibigenda,

kandi ntibishobora gusohora ijwi rivuye mu mihogo yavyo.

8 Ababicura bazomera nka vyo,

co kimwe n’abavyizigira bose.

9 Ewe Isirayeli, nimwizigire Uhoraho;

ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe.

10 Ab’inzu ya Aroni nimwizigire Uhoraho;

ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu.

11 Yemwe abamwubaha mwese, nimwizigire Uhoraho;

ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu.

12 Uhoraho aratwibuka kandi azoduha umugisha:

azoha umugisha abantu biwe ba Isirayeli,

azoha umugisha inzu ya Aroni,

13 azoha umugisha abubaha Uhoraho;

aboroshe n’abahambaye.

14 Uhoraho naguhe gusagarara,

wewe n’abana bawe.

15 Uragahabwa umugisha n’Uhoraho,

Umuremyi w’ijuru n’isi.

16 Ijuru risumba ayandi ni iry’Uhoraho,

ariko isi yayihaye abana b’abantu.

17 Si abapfuye bazohimbaza Uhoraho,

abamanuka baja ahantu h’agacerere;

18 ni twebwe tuzoshira hejuru Uhoraho,

uhereye none ukageza ibihe vyose.

Himbaza Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-