Pular para o conteúdo
Publicidade

Zaburi 53

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa mahalati. Ni masikili ya Dawidi.

1 Igipfu cibwira mu mutima kiti:

"Nta Mana iriho."

Abantu nk’abo barononekaye, n’inzira zabo ni mbi;

nta wukora ivyiza, nta n’umwe.

2 Imana irunguruka iri mw’ijuru

ikitegereza abana b’abantu

ngo irabe ko hari n’umwe atahura,

ko hari n’umwe arondera Imana.

3 Bose barazimiye, bose barononekaye;

nta wukora ivyiza,

eka nta n’umwe.

4 Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi nta co bazi?

Barya abantu banje nk’abarya umutsima;

ntibigera bambaza Imana.

5 Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye,

kandi ata kintu na kimwe co kubatera ubwoba.

Imana izosanzaza amagufa y’abaguteye;

uzobamaramaza, kuko Imana yabakengereye.

6 Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni!

Aho Imana izogarukanira abantu bayo;

aba Yakobo baze banezerwe kandi Isirayeli ihimbarwe!

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também