1 Muri wewe, Uhoraho, ni ho mpungiye;
sinze nigere maramara.
2 Untabare undokore, ku bw’ukugororoka kwawe;
ntega ugutwi maze unkize.
3 Umbere igitandara mpungiramwo,
aho nama nirukira imisi yose.
Tegeka ntabarwe,
kuko ari wewe gitandara canje n’igihome kinkingira.
4 Mana yanje, undokore mu maboko y’abanyakibi,
unkize ububasha bw’abantu babi b’ibirara.
5 Kuko uri ivyizigiro vyanje, Uhoraho Nyeninganji,
ni wewe nizigira kuva nkiri muto.
6 Kuva nkivuka namye nisunga wewe;
wankuye mu nda ya mama.
Nzokwama ndaguhimbaza.
7 Nabaye akabarore kuri benshi;
ni wewe buhungiro bwanje buhambaye.
8 Akanwa kanje kuzuye ishimwe ryawe,
kavuga ubwiza bwawe bukarinda bwira.
9 Ntunshiburire kure mu gihe c’ubusaza bwanje;
ntumpebe mu gihe ncitse intege.
10 Kuko abansi banje bangira inama mbi;
abambundiye baja imigabo yo kunyica.
11 Baravuga bati: "Imana yamuhevye;
mukurikire kugeza mumufashe,
kuko ata wo kumutabara."
12 Ntumbe kure, Mana yanje;
tebuka, Mana, untabare.
13 Abanyagiriza nibahone bicwe n’ibimaramare;
abagomba kunyica
bambare ugucokorwa n’ibiteterwe.
14 Ariko jeho, nzokwamana ivyizigiro;
nzogushima ubudahengeshanya.
15 Akanwa kanje kazovuga ibikorwa vyawe vyo kugororoka,
mvuge ivyo gukiza wakoze burinde bwira;
naho ntashobora kubivuga vyose.
16 Nzoza menyekanishe ivyo wakoze bihambaye; Uhoraho Nyeninganji,
nzokwamamaza ivy’ukugororoka wakoze, wewe wenyene.
17 Kuva mu buto bwanje, Mana, waranyigishije,
kugeza uwu musi ndacamenyekanisha ibihambaye wakoze.
18 No mu gihe c’ubusaza bwanje maze kumera imvi,
ntuze umpebe, Mana yanje,
kugeza menyesheje ubushobozi bwawe abo mu runganwe ruzoza,
ibikorwa vy’inkomezi wakoze kubazovuka hanyuma.
19 Ukugororoka kwawe, ewe Mana, gushika mw’ijuru,
wewe wakoze ibihambaye.
Ni nde ameze nka we, Mana?
20 Naho wandetse ngo mbone amarushwa,
menshi kandi arura,
uzosubira kunsubizamwo intege;
uzonkura i bwina mw’isi
wongere ungarukane hejuru.
21 Uzokwongereza icubahiro canje
wongere kundemesha.
22 Nzogushimisha inanga
kubera ukwizigirwa kwawe, Mana yanje;
nzogushimisha ikembe,
Ewe Uwera wa Isirayeli.
23 Iminwa yanje izosemerera ku bw’umunezero
aho nzoguhimbariza;
jewe uwo warokoye.
24 Ururimi rwanje ruzovuga ibikorwa vyawe vyo kugororoka
burinde bwira,
kuko abagomba kungirira nabi
bamaramaye bakicwa n’isoni.