Publicidade

Salmos 6

Yahawe umukuru w’abaririmvyi bacurarangisha ibicurarangisho vy’imirya. Iririmbwa mu mudiho witwa Sheminite rishobora kuba risigura ubwoko bw’umudiho.. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho ntunkankamirane uburake

canke ngo umpanane ubushangashirwe.

2 Ngirira imbabazi, Uhoraho, kuko ncitse intege;

unkize, Uhoraho, kuko amagufa yanje ajugumiye.

3 Umutima wanje unshongeyemwo.

Uzogeza ryari, ewe Uhoraho, uzogeza ryari?

4 Hindukira, Uhoraho, maze untabare;

unkize ku bw’urukundo rwawe rudashira.

5 Mu bapfuye nta n’umwe yamamaza izina ryawe.

Ni nde azogutazirira i kuzimu?

6 Nciwe intege n’ukuniha kwanje.

Mara ijoro ryose nuzuza uburiri bwanje amarira,

aho ndyama nkahatotesha amosozi.

7 Amaso yanje ararushe ku bw’umubabaro;

ntakibona neza kubera abansi banje.

8 Nimuje kure yanje, mwa nkozi z’ibibi mwe,

kuko Uhoraho yumvise ukurira kwanje.

9 Uhoraho yumvise ugutakamba kwanje;

Uhoraho yakiriye ugusenga kwanje.

10 Abansi banje bose bazorengerwa n’ubumaramare n’uguhinda agashitsi;

bazosubira inyuma maze bamaramare giturumbuka.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-