Publicidade

Salmos 44

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni masikili.

1 Mana, twavyumvishije amatwi yacu;

ba sogokuruza baratubwiye

ivyo wakoze mu bihe vyabo,

mu misi ya kera.

2 Wirukanye amahanga n’ukuboko kwawe

maze uzana ba sogokuruza bacu;

wirukanye amoko

maze utuma ba sogokuruza bacu basagarara.

3 Ntibaronse igihugu kubera inkota yabo,

kandi ntibanesheje kubera amaboko yabo;

kwari ukuboko kwawe kw’i buryo, ukuboko kwawe,

n’umuco wo mu nyonga hawe, kuko wabakunze.

4 Uri Umwami wanje n’Imana yanje,

urategeka maze Yakobo akaronka intsinzi.

5 Muri wewe ni ho dukinagiriza abansi bacu;

mw’izina ryawe dusiribangira hasi abatugwanya.

6 Sinizigira umuheto wanje,

inkota yanje si yo impa kunesha;

7 ariko ni wewe uduha kunesha abansi bacu,

utuma abatugwanya bamaramara.

8 Twirata Imana bukarinda bwira,

kandi tuzoguhimbaza ibihe vyose.

9 Ariko ubu raba wadutaye uratumaramaza;

ntukijana n’ingabo zacu.

10 Watumye dusubiza imigongo inyuma imbere y’umwansi,

kandi abansi bacu batunyaze urukomba amazi.

11 Waradutanze turatabagurwa nk’intama

kandi wadusanzarije mu mahanga.

12 Wagurishije abantu bawe igiciro gitoya,

nta co wungutse umaze kubagurisha.

13 Waduhinduye akamenyo ku babanyi bacu,

turacokorwa, dutwengwa n’abadukikuje.

14 Waduhinduye iciro ry’umugani mu mahanga;

abantu batuzunguriza imitwe.

15 Mba mu biteterwe bukarinda bwira,

kandi mu maso hanje nuzuye ibimaramare

16 kubera abitwengera bankora kw’itama,

kubera umwansi, ashaka kwihora.

17 Ivyo vyose vyatubayeko,

naho tutari twakwibagiye;

ntitwari twahonyanze isezerano ryawe.

18 Imitima yacu ntiyari yasubiye inyuma;

ibirenge vyacu ntivyari vyanyereye ngo bive mu nzira yawe.

19 Ariko waratujanjaguye duhinduka umusaka w’imbwebwe;

wadupfukishije umwijima w’umuzitanya.

20 Iyo tuba twaribagiye izina ry’Imana yacu

canke tukagaranzurira ibiganza vyacu imana y’inyamahanga,

21 Imana ntiba yarabibonye,

ko izi amabanga yo mu mutima?

22 Ariko twirirwa turicwa kubera wewe, bukarinda bwira;

dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.

23 Ikangure, ewe Mana! Ni kuki usinziriye?

Va hasi! Ntuduhebe ibihe bidashira.

24 Ni kuki uduhisha mu nyonga hawe

ukibagira amagorwa tugowe n’agahahazo turimwo?

25 Ducishijwe bugufi gushika mu mukungugu;

imibiri yacu irambaraye hasi.

26 Va hasi udutabare;

udutabare kubera urukundo rwawe rudashira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-