Publicidade

Salmos 101

Ni iya Dawidi. Ni Zaburi.

1 Nzoririmba ivy’urukundo rwawe n’uguca imanza zibereye;

Uhoraho, nzokuririmbira ishimwe.

2 Nzokwitondera kugenda ntunganye;

mbega uzoza iwanje ryari?

Nzotunganya ivyo mu rugo rwanje

mfise umutima utunganye.

3 Sinzokwigera nshima

ikintu na kimwe kibi.

Nanka ivyo abatizera bakora;

sinzokwigera nifatanya na vyo.

4 Abanduye mu mitima bazoba kure yanje;

sinzokwifatanya n’ikintu na kimwe kibi.

5 Uwuvuga nabi mugenziwe wese mu mpisho,

nzomuzibiza;

uwufise amaso y’ubwibone n’umutima wishira hejuru,

sinzomwihanganira.

6 Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu,

kugira ngo babane nanje;

uwugenda atunganye

ni we azonkorera.

7 Nta n’umwe mu bakora ivy’ubugunge

azoba mu nzu yanje;

nta n’umwe avuga ibinyoma

azohagarara imbere yanje.

8 Uko bukeye nzokwama nziba akanwa

k’abanyakibi bose bo mu gihugu;

nzoherengeteza abakora ibibi bose

bave mu gisagara c’Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-