Consequências dos nossos atos
Toda ação tem consequências. A Bíblia ensina que colhemos o que semeamos — para o bem e para o mal. Deus pesará cada palavra e ato no dia do juízo.
Colher o que semear
Cada um prestará contas de si mesmo a Deus. O Senhor julgará as obras e os segredos dos homens com justiça perfeita.
Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.
Imana "izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze." Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo. Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi. Ivyago n’imibabaro bizoshika ku muntu wese akora ibibi; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga. Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga. Kuko Imana idahengama ngo igire abo ikunda n’abo yanka.
Ibiva mu ngabire y’ubuntu bw’Imana biratandukanye cane n’ivyavuye mu gicumuro c’umuntu umwe kuko inyuma y’icaha ca Adamu hakurikiye gutsindwa n’urubanza, ariko ingabire y’ubuntu bw’Imana yatumye twemerwa na yo naho dufise ivyaha vyinshi bitwagira. Ni ivy’ukuri ko kubera igicumuro c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe nyene, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo.
Ntugacire imanza abandi
Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze.
Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu. Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.
Responsabilidade pessoal
Quem é sábio prevê o perigo e se esconde. A Palavra examina os pensamentos e intenções do coração.
Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,
ariko igipfu gipfa kugenda,
hanyuma kikisanga mu kaga.
Niwaba umunyabwenge, ubwenge bwawe buzoguha impera.
Ariko niwaba inshirasoni, ni wewe nyene bizobabaza.
Kwihutira gusezeranira Imana bita mu mutego,
kuko amara kurahira hanyuma akicuza.
Umuntu niyahamagarwa ngo abe icabona, avuge ivyo yabonye canke azi, akanka kubivuga, bizomubera icaha, kandi ico caha aze agihanirwe.
Umuntu niyacumura ku cagezwe na kimwe c’Uhoraho, naho atoba yabimenye, azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza kandi azobihanirwa.
Ntuze ugirire urwanko mu mutima wawe abo mu bwoko bwanyu. Ariko uze wihanize mugenzawe ariko arakora ikibi kugira ngo ntuhave usangira na we icaha ciwe.
Consequências inevitáveis
A terra deu seu fruto conforme as obras dos que nela habitam. Ninguém escapa do juízo — Deus pesa cada ação.
Isi izohinduka ubweranyange kubera abayibako,
bitewe n’ivyo bakoze.
Muzosubirizwa mu nkoko ibikwiranye n’ivyaha vy’ugusenga ibigirwamana mwakoze. Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho Nyeninganji.’ "
Kandi uwuzosesa amaraso y’uwundi muntu nzobimuhanira; n’igikoko na co kizokwica umuntu gitegerezwa gupfa. Umuntu wese azokwica uwundi ategerezwa gupfa na we.
Ni kuki umunyakibi akengera Imana?
Ni kuki yibwira mu mutima ngo:
"Nta co izombaza?"
Ariko wewe, Mana, raba ivyago vy’abari mu mubabaro;
witegereze uburibwe bwabo maze ivyabo uvyishinge.
Abagirirwa nabi barakwituye;
ni wewe utabara impfuvyi.