Publicidade

Desejos

Por Bíblia Online

Os desejos revelam o que há no coração. A Bíblia nos ensina a purificar nossos desejos, submeter a carne ao espírito e buscar as coisas que são de cima.

Desejos da carne

A carne milita contra o espírito. O cristão é chamado a vigiar, resistir e não satisfazer os desejos da natureza pecaminosa.

Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.

Ubugingo bwo mu Mpwemu

Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.

Ico ubiba ni co wimbura

Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.

Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke."

Ntudutererane ibitugerageza,

uhubwo udukize wa mubi.

[Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza

ari ivyawe ibihe vyose.

Amen.]

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.

Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.

Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.

Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.

Purificar os desejos

Guarda o teu coração. Das profundezas do interior do homem saem os desejos — bons ou maus, conforme o coração.

Nagiraniye isezerano n’amaso yanje,

ryo kutazorabana ukwipfuza umwigeme.

Umuntu yohonyora ku makara yaka,

hanyuma ntashe?

Hariho abamana ukwipfuza kuronka vyinshi,

ariko umugororotsi we atanga atisigariza.

Ubutunzi uba ukibukubise ijisho

bukaba bwagurutse,

kuko bumera amababa bukaguruka nk’inkukuma.

Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.

Imibiri yacu ni Ingoro za Mpwemu Yera

Hari uwuvuga ati: "Vyose ndavyemerewe." Ni vyo, ariko si vyose bingirira akamaro. Naho vyose ndavyemerewe, sinemera kuganzwa n’ikintu na kimwe.

Ariko kubera ubusambanyi ari bwinshi, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi n’umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.

Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Desejos santos

Como a corça deseja as correntes de água, minha alma suspira por ti, ó Deus. Os desejos do Espírito produzem vida e paz.

Nk’uko impongo ihuzagizwa irondera imigezi y’amazi,

ni ko n’umutima wanje uhuzagizwa ukwipfuza, ewe Mana yanje.

Ewe Uhoraho, mu nzira z’ivyagezwe vyawe

ni ho tukwitegeye,

izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwawe

ni vyo imitima yacu ihahamiye.

Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.

Murashaka kuronka ikintu ntimukironke, mugaca mwica kugira ngo mukironke. Muripfuza, ariko ntimushobora kuronka ico mwipfuza, mugaca mutongana mbere mukanagwana. Ntimuronka ivyo mukeneye kuko mutabisaba Imana.

Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: "Imana iriko irangerageza." Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe.

Kugwana n’icaha

Mbega none tuvuge iki? Tuvuge ko ivyagezwe ari icaha? Haba na mba! Ahubwo ivyagezwe vyatumye menya icaha canje. Mu vy’ukuri sinari kwigera menya ico ari co kwipfuza, iyo ivyagezwe bitaba bivuga ngo: "Ntukipfuze."

Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.

kuko aho ubutunzi bwawe buri, ari ho n’umutima wawe uzoba.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-