Despedida
As despedidas na Bíblia são momentos sagrados de bênção, oração e confiança em Deus. Mesmo na separação, os filhos de Deus se despedem com fé, carinho e esperança de reencontro.
Despedidas bíblicas
Paulo se despediu dos anciãos de Éfeso com oração e lágrimas. As despedidas entre irmãos são marcadas por afeto e fé.
Ahejeje kuvuga ivyo, aca apfukama hamwe na bo barasenga. Bose baraturikisha bararira, bamusezera bamugumbira. Icabababaje kurusha ibindi, ni uko yari yababwiye ko batazosubira kumubona. Nuko baca baramuherekeza gushika ku bwato.
Pawulo aja i Makedoniya no mu Bugiriki
Ya migumuko iheze, Pawulo aca atumako abigishwa abatera intege, hanyuma arabasezera, afata urugendo aja i Makedoniya.
Nuko bahamara igihe, hanyuma abizera bo muri Antiyokiya barabasezera n’umuhezagiro w’amahoro, maze na bo basubira ku babatumye. [
Inkumbu za Pawulo
Ariko bene Data, tumaze gutandukana vy’akanya gato (ku bw’imibiri atari ku bw’imitima), twakoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugaruke kubagendera kuko twari tubakumbuye cane.
Imana ni yo yombera icabona c’ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.
Amizades profundas
Davi e Jônatas se despediram com lágrimas e pacto de amizade. Rute se apegou a Noemi com lealdade inabalável.
Wa muhungu amaze kugenda, Dawidi aranyeguruka ava mu bumanuko bwa rya buye yunamira Yonatani gatatu, akoza umutwe hasi. Baca baragumbirana bararira ariko Dawidi arira cane.
Yonatani aravuga ati: "Genda amahoro, kuko twasezeranye mw’izina ry’Uhoraho ko tuzoba abagenzi, tukavuga tuti: ‘Uhoraho ni we cabona hagati yawe nanje, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwanje ibihe vyose.’ " Nuko Dawidi aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.
Wa muhungu amaze kugenda, Dawidi aranyeguruka ava mu bumanuko bwa rya buye yunamira Yonatani gatatu, akoza umutwe hasi. Baca baragumbirana bararira ariko Dawidi arira cane.
Ariko Nawomi abwira abakazana biwe ati: "Nimwisubirire inyuma, umwe wese aje mu nzu kwa nyina. Uhoraho aze abagirire neza nk’uko mwatugiriye twe n’abahisi. Uhoraho aze abahe impore mu ngo muzoja kwubakamwo."
Nuko arabagumbira arabasezera, bose bararira cane, baca baramubwira bati: "Turajana nawe mu bwoko bw’iwanyu."
Ariko Nawomi arababwira ati: "Nimwisubirire iwanyu, bakobwa banje. Ni igiki cotuma mujana nanje? Mbega nzosubira kuvyara abandi bahungu, ngo bababere abagabo? Nimwitahire iwanyu, bakobwa banje; kuko ndashaje cane nta mugabo wundi nkironka. Naho nokwiyumvira ko ngifise ibindi vyizigiro vyo kuronka umugabo iri joro nyene nkavyara abahungu, mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka kurongorwa mubarindiriye? Oya ntivyokunda, bakobwa banje. Ivyanje ni umururazi kurusha ivyanyu, kuko Uhoraho ubwiwe yambanguriye ukuboko kwiwe!"
Bumvise ivyo bongera kurira cane. Maze Orupa agumbira inabukwe aramusezera, ariko Rusi amwumirako.
Bumvise ivyo bongera kurira cane. Maze Orupa agumbira inabukwe aramusezera, ariko Rusi amwumirako.
Maze Mose asezera sebukwe, sebukwe aca asubira mu gihugu ciwe.
Bênçãos de despedida
O Senhor te abençoe e te guarde. O Senhor faça resplandecer o seu rosto sobre ti e te dê a paz.
"Uhoraho aguhezagire
kandi akuzigame;
Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe
kandi akugirire ubuntu;
Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe
kandi aguhe amahoro." ’
Uhoraho azokurinda ikibi cose;
azozigama ubugingo bwawe;
Uhoraho azokuzigama amaja n’amaza
uhereye ubu ukageza ibihe vyose.
Ubuntu bw’Imana bubane namwe mwese.
Intasho
Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.
Intasho
Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.
Muramukanye mu kugumbirana kwera.
Abera b’Imana ba hano na bo barabatasha.
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.
Ukwambara ibigwanisho vy’Imana
Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.
Nuko Yosuwa arabahezagira, arabarungika, basubira iwabo.
Hanyuma uwundi na we araza avuga ati: "Mwami, ndagukurikira, ariko reka mbanze ngende nsezere umuryango wanje."
Yesu aramwishura ati: "Nta muntu araba inyuma ariko ararimisha inka aba abereye Ubwami bw’Imana."
Elisa aca asiga ngaho za nka ziwe zirima, akurikira Eliya. Amubwira ati: "Reka nje gusezera data na mama, mpeze nze tujane."
Eliya aramubwira ati: "Genda, ariko wibuke ico nagukoreye."
Elisa aca ava inyuma yiwe, asubira inyuma. Afata inka zibiri zifatanijwe n’ingogo, arazibaga. Avunagura ingogo, azicanisha umuriro, ateka za nyama, azigaburira abantu, barazirya. Aca avaho akurikira Eliya, aba umukozi wiwe.