Pular para o conteúdo
Publicidade

Dia das crianças

Por Bíblia Online

As crianças são preciosas aos olhos de Deus. Jesus as acolheu, abençoou e ensinou que delas é o Reino dos Céus — modelos de fé, pureza e humildade.

Jesus e as crianças

Deixai vir a mim as crianças. Jesus abraçou, abençoou e honrou as crianças como modelo de fé para os adultos.

Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."

Kuba mukuru mu Bwami bw’ijuru

Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: "Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?"

Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.

Umugani w’intama izimiye

Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [

Ariko, abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: "Hozana mwana wa Dawidi!" Baca barashavura cane.

Babaza Yesu bati: "Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?"

Na we abishura ati: "Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo:

Mu kanwa k’abana bato n’inzoya,

wahironkeye amashimwe?"

Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo." Nuko aterura ba bana, abarambikako ibiganza, arabahezagira.

Nuko afata umwana mutoya amuhagarika hagati yabo, aramuterura, ababwira ati: "Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye n’uwantumye."

Instruir e proteger

Instrui a criança no caminho de Deus. Elas são herança do Senhor — presentes sagrados que devemos educar com amor.

Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,

niyakura ntazoyivamwo.

Abana bawe bose bazokwigishwa nUhoraho,

kandi bazogira amahoro asesekaye.

Abana ni umugabane uva kUhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.

Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.

Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."

Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

"Uhoraho aguhezagire

kandi akuzigame;

Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe

kandi akugirire ubuntu;

Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe

kandi aguhe amahoro." 

Seja o primeiro