1 Moridekayi amenye ivyabaye vyose, yitaburirako impuzu, yambara amagunira yisiga iminyota, aca aja mu gisagara, akoma induru y’umubabaro. 2 Ariko agarukira kw’irembo ry’ikirimba c’umwami, kuko ata muntu yambaye amagunira yari yemerewe kwinjira. 3 Mu ntara zose aho ico cagezwe c’umwami cashika, haca haba ikigandaro gikomeye mu Bayuda, gifatanije no kwisonzesha, kurira no kuboroga. Benshi bakaryama mu magunira bakisiga n’iminyota.
4 Maze incoreke hamwe n’inkone za Esiteri baraza bamubwira ivya Moridekayi, maze umwamikazi aca ahagarika umutima cane. Amurungikira impuzu ngo yambare areke kwambara amagunira, ariko ntiyazakira. 5 Nuko Esiteri atuma Hataki, umwe mu nkone z’umwami yashinzwe kumukorera, amutegeka kumenya ivyababaje Moridekayi n’icatumye akora gutyo.
6 Nuko Hataki arasohoka aja aho Moridekayi yari ari ku kibuga c’igisagara gitumberanye n’irembo ry’umwami. 7 Moridekayi amubwira ivyabaye vyose, n’igiciro c’amahera Hamani yasezeranye gutanga mu kigega c’umwami ngo Abayuda bahonywe. 8 Amuha n’ikopi ya ca cagezwe co kubamara, cakwiragijwe i Suza, ngo acereke Esiteri, bakimusigurire, kandi amutuma kubwira Esiteri ngo agende kuvugana n’Umwami amwinginge amusaba kugirira imbabazi ubwoko bwiwe.
9 Hataki arahindukira aja kubwira Esiteri ivyo Moridekayi yavuze vyose. 10 Nuko Esiteri aca yongera gutuma Hataki kubwira Moridekayi ati: 11 "Abaganwa b’umwami n’abantu bose bo mu ntara z’umwami barazi ko umuntu wese yaba umugabo canke umugore yokwegera aho umwami ari atamutumyeko, ko hari icagezwe kimwe gusa: ko uwo muntu akwiye kwicwa. Kiretse umwami amutumberejeko inkoni yiwe y’inzahabu, kugira ngo akize ubuzima bwiwe. Kandi ubu haciye imisi mirongo itatu umwami atantumyeko."
12 Bamaze kubwira Moridekayi amajambo ya Esiteri, 13 na we aca amusubiza ati: "Ntiwiyumvire na gatoya ko kubera uri i bwami uzorokoka igihe Abayuda bose bazokwicirwa rimwe. 14 Kuko niwapfa kwinumira gusa mu gihe nk’iki, ugutabarwa kw’Abayuda no gukira bizova ahandi, ariko wewe n’inzu ya so muzohona. Kandi, nta wubizi ko kumbure icatumye ushika aho uba umwamikazi atari kugira ngo useruke mu gihe nk’iki?"
15 Maze Esiteri arungikira inyishu Moridekayi ati: 16 "Genda ukoranye Abayuda bose bari i Suza, mwisonzeshe ku bwanje. Mumare imisi itatu mutarya canke ngo munywe, haba mw’ijoro canke ku murango. Jewe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha hamwe namwe. Ico gihe nicahera, nzoja kuraba umwami, naho binyuranye n’amategeko. Nimba ari ugupfa nshake mpfe."
17 Nuko Moridekayi aca aragenda akora nk’uko Esiteri yamubwiye.