1 Inyuma y’ivyo, umwami Ahasuwerusi aha icubahiro Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, amushira hejuru, amuha n’intebe y’icubahiro irengeye iz’abandi baganwa bose. 2 Abakozi bose bo kw’irembo ry’ikirimba i bwami barapfukamira Hamani bakamuha icubahiro, kuko umwami yari yarategetse ko babimukorera. Ariko Moridekayi ntiyigeze yemera kumwunamira canke ngo amuhe icubahiro.
3 Maze abakozi bo kw’irembo ryo ku kirimba c’umwami barabaza Moridekayi bati: "Ni kuki utubaha icagezwe c’umwami?" 4 Bakama uko bukeye uko bwije bamubaza batyo, ariko we ntabumvirize. Nuko babibwira Hamani ngo barabe uko bizogenda ku nyifato ya Moridekayi, kuko yari yarababwiye ko ari Umuyuda.
5 Hamani abonye ko Moridekayi atamwunamira canke ngo amuhe icubahiro, arashangashirwa. 6 Kubera yuko bari bamaze kumubwira ubwoko bwa Moridekayi, Hamani ntiyagomba kwica Moridekayi gusa, ariko agomba kwica ubwoko bwa Moridekayi bwose, ari bwo bw’Abayuda, aho bari hose mu bwami bwa Ahasuwerusi.
7 Mu mwaka ugira cumi na kabiri umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, mu kwezi kwa mbere ari kwo Nisani, bagirira ubupfindo bita puri imbere ya Hamani ngo bahitemwo umusi n’ukwezi. Maze ubupfindo bugwa ku kwezi kwa cumi na kabiri, ari kwo Adari.
8 Nuko Hamani abwira umwami Ahasuwerusi ati: "Hari ubwoko bwasanzariye mu mahanga yo mu ntara zose z’ubwami bwawe, bufise imigenzo itandukanye n’iy’ayandi mahanga yose kandi butubaha amategeko y’umwami; rero si vyiza kandi nta nyungu vyozanira umwami kuvyirengagiza. 9 Nivyaba bihimbaye umwami, nihashingwe icagezwe co kubamara, nanje nzotanga italato ibihumbi icumi z’ifeza ndazishire mu minwe y’abakozi b’umwami baraba ivy’intwaro bazishire mu bubiko bw’umwami."
10 Maze umwami aca yiyambura ku rutoke impeta iriko ikashe, ayiha Hamani mwene Hamedata umwagagi, umwansi w’Abayuda. 11 Umwami abwira Hamani ati: "Ayo mahera nuyigumirize, maze ugire abo bantu uko ugomba."
12 Maze ku musi ugira icumi na gatatu w’ukwezi kwa mbere, batumako abanditsi b’umwami. Bandikira amakete intara zose no mu ndimi z’amahanga yose ivyo Hamani ategetse abategetsi b’umwami, abatware b’intara zitandukanye hamwe n’abanyacubahiro baserukira imigwi itandukanye y’abantu. Vyari vyanditswe mw’izina ry’umwami Ahasuwerusi ubwiwe kandi biriko ikimenyetso co ku mpeta yiwe. 13 Ayo makete bayarungikana intumwa zija mu ntara zose umwami yatwara gushikiriza amategeko avuga ko bahonya, bakica kandi bakarandura Abayuda bose; abato n’abakuze, abagore n’abana bato, ku musi umwe washinzwe, ari wo musi ugira icumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri, ukwezi kwa Adari, no kubanyaga ivyo batunze vyose. 14 Ikopi y’ivyanditswe muri ico cagezwe yategerezwa gutangwa mu ntara zose bikamenyeshwa abantu bo mu bihugu vyose ngo bitegurire uwo musi.
15 Za ntumwa zigenda zihuta kubera itegeko ry’umwami, ico cagezwe kimenyeshwa abo mu gisagara c’i Suza. Umwami na Hamani baricara ngo banywe, ariko abantu bo mu gisagara c’i Suza baja mu ruhagarara.