1 Kuri uwo musi nyene umwami Ahasuwerusi aca aha umwamikazi Esiteri ibintu vyose vyari ivya Hamani, umwansi w’Abayuda. Maze Moridekayi aca ararenguka imbere y’umwami, kuko Esiteri yari yamaze kuvuga ico bapfana. 2 Umwami aca akura impeta yo ku rutoke rwiwe yari yatse Hamani ayiha Moridekayi. Kandi Esiteri aca aha Moridekayi kugaba ibintu vyose vyari ivya Hamani.
3 Esiteri asubira kwinginga umwami, yubamye ku birenge vyiwe arira. Amwinginga ngo ahagarike umugambi mubi wa Hamani Umwagagi, uwo yari yarateguye wo kumara Abayuda. 4 Maze umwami atunga ya nkoni y’inzahabu Esiteri na we aca arahaguruka ahagarara imbere yiwe.
5 Aravuga ati: "Nivyaba bihimbaye umwami, kandi nkaba ngiriwe ubuntu imbere yiwe bikongera bikaba ari vyiza, kandi nkaba ndamuhimbaye, nihandikwe icete kivuguruza kimwe Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, yari yashinze co kumara Abayuda mu ntara zose z’umwami. 6 None mbega nokwihanganira nte kubona ubwoko bwacu buhona? Nokwihanganira nte kubona umuryango wanje uherengetezwa?"
7 Umwami Ahasuwerusi yishura umwamikazi Esiteri na Moridekayi Umuyuda ati: "Kubera Hamani yagwanije Abayuda, inzu yiwe nayihaye Esiteri, kandi bamumanitse ku giti yishingiye. 8 Ubu rero nimwandike ikindi cagezwe mw’izina ry’umwami gikingira Abayuda nk’uko mubona vyobabera vyiza, mugishireko ikimenyetso co ku mpeta y’umwami, kuko ata canditswe mw’izina ry’umwami cashizweko ikimenyetso c’umwami gishobora guhindurwa."
9 Ubwo nyene baca batumako abanditsi b’umwami; ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu, ari kwo kwitwa Sivani. Bandika ivyo Moridekayi ategetse Abayuda, n’abakuru, n’abatwara intara n’abishikira bo mu ntara ijana na mirongo ibiri n’indwi uhereye mu Buhindi ukageza muri Etiyopiya. Ayo mategeko yari yanditse mu nyandiko zo muri izo ntara zose no mu rurimi rw’ihanga ryose n’Abayuda na bo nyene babibarungikira mu nyandiko no mu rurimi rwabo. 10 Moridekayi yandika mw’izina ry’umwami Ahasuwerusi, asinya kuri ayo makete akoresheje ya mpeta y’umwami, abirungikana intumwa zigenda n’amafarasi anyaruka cane zamenyereye gukora ibikorwa vy’umwami.
11 Ico cagezwe c’umwami cemerera Abayuda aho bari hose mu bisagara vyose gukoranira hamwe no kwigwanira, kwica, guhonya no guherengeteza abitwaje ibigwanisho bo mu bihugu vyose canke intara zose boshobora kuza kubatera bo n’abagore n’abana babo; no kunyaga ibintu vy’abansi babo vyose. 12 Umusi washinzwe ngo Abayuda bakore ivyo mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi, wari umusi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri ari kwo kwezi kwa Adari. 13 Ikopi y’iryo kete itangwa mu ntara zose iba nk’itegeko kandi imenyeshwa abantu bose b’ibihugu vyose kugira ngo Abayuda bitegure kuri uwo musi kwihora abansi babo.
14 Za ntumwa ziragenda, ziri ku mafarasi y’umwami, kubera ico cagezwe c’umwami. Kandi ico cagezwe gikwiragizwa no ku mugwa i Suza.
15 Moridekayi ava imbere y’umwami yambaye impuzu z’i bwami z’amabara y’ubururu n’ayera, n’urugori runini rw’inzahabu n’ikanzu y’agahama ikoze mu nyuzi nziza. Maze abo mu gisagara i Suza bagira umusi mukuru. 16 Abayuda bari banezerewe bahimbawe, batewe iteka. 17 Mu ntara zose no mu bisagara vyose, aho ico cagezwe c’umwami cashika, haca haba umunezero n’agahimbare mu Bayuda, bakagira umusi mukuru batamba. Kandi abantu benshi bo mu yandi mahanga bahinduka Abayuda babitewe n’uko ubwoba bwinshi bwo gutinya Abayuda bwari bwabatekeye.