1 Ku musi ugira gatatu wo kwisonzesha, Esiteri yambara impuzu ziwe z’ubwamikazi, maze aragenda ahagarara hagati mu kirimba, aharabana n’ikibanza umwami yakiriramwo abantu. Umwami yari avyagiye ku ntebe yiwe y’ubwami iri aho hantu, araba mu rwinjiriro. 2 Abonye umwamikazi Esiteri ahagaze mu rugo, arahimbarwa aca amutumberezako inkoni yiwe y’inzahabu yari afise mu minwe. Maze Esiteri aca aregera akora kw’isonga ry’iyo nkoni.
3 Nuko umwami aramubaza ati: "Ni iki, ga mwamikazi Esiteri? Usaba iki? Naho coba igice c’ubwami, uragihabwa."
4 Esiteri na we aramwishura ati: "Nivyaba bihimbaye umwami, ndamusavye aze ari kumwe na Hamani, gufungura ku mazimano namuteguriye uno musi."
5 Umwami aca avuga ati: "Nimuzane Hamani ubu nyene, kugira ngo dukore ico Esiteri asavye."
Nuko umwami na Hamani baja ku mazimano Esiteri yari yateguye. 6 Bariko baranywa umuvinyu, umwami yongera kubaza Esiteri ati: "Ubu rero ni iki usaba? Uragihabwa. Wipfuza iki? Naho coba igice c’ubwami, uragihabwa."
7 Esiteri aramwishura ati: "Ico nsaba ng’iki: 8 Ninaba ngiriwe ubuntu n’umwami kandi bikaba bihimbaye umwami kumpa ico nsavye, no gushitsa ico nipfuza, umwami na Hamani baze bagaruke ejo ku mazimano nzobategurira. Ico gihe nzoca nishura ikibazo umwami ambajije."
9 Hamani asohoka kuri uwo musi anezerewe, umutima wiwe uhimbawe. Ariko abonye Moridekayi ari kw’irembo ry’umwami akabona ntamwunamiye canke ngo ahindire agashitsi imbere yiwe, arashavura cane. 10 Ariko Hamani arigumya aca aja iwe.
Ahamagara abagenzi biwe na Zereshi, umugore wiwe, 11 aca atangura kwihayagiza kuri bo kubera itunga ryiwe ryinshi, abahungu benshi yari afise, n’uburyo bwose umwami yamuhaye icubahiro akamushira hejuru kuruta abandi baganwa bose n’abakuru bose. 12 Hamani yongerako ati: "Kandi si ivyo gusa, ni jewe jenyene umwamikazi Esiteri yatumiye ngo mperekeze umwami ku mazimano yari yateguye. Kandi yongeye arantumira ngo nzojane n’umwami ejo. 13 Ariko ivyo vyose nta co bimariye nkibona urya Muyuda Moridekayi yicaye ku kirimba c’umwami."
14 Umugore wiwe Zereshi n’abagenzi biwe bose baca bamubwira bati: "Shinga igiti c’ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu z’uburebure, uce usaba umwami kumanika Moridekayi kuri ico giti. Hanyuma ubone kugenda ku mazimano hamwe n’umwami unezerewe." Iyo mpanuro inezera Hamani, maze ashinga ico giti.