Pular para o conteúdo
Publicidade

Ivyakozwe 6

Intumwa zitoranya abo kugaburira abakene

1 Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi. 2 Bamwe cumi na babiri baca bakoranira hamwe n’abandi bigishwa, bavuga bati: "Si vyiza ko dufata minenegwe igikorwa co kugabura ijambo ry’Imana bitumwe no kugabura ivyokurya. 3 Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa, 4 hanyuma natwe duheze twiyegurire igikorwa co gusenga no kwigisha Ijambo ry’Imana."

5 Abari ngaho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Setefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.6:5 Aya mazina yose avugwa hano ni ay’Abayuda bavuga Ikigiriki. 6 Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.

7 Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa kiragwira cane i Yerusalemu, kandi n’abaherezi benshi bo mw’idini ry’Abayuda barizera.

Setefano Afatwa

8 Setefano yari umuntu yuzuye ubuntu n’ubushobozi vy’Imana, vyatuma akora ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi imbere y’abantu. 9 Maze abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi y’abiyita Abahoze ari abagurano bidegemvya,6:9 Abasengera muri iri sinagogi bari abagurano b’Abayuda bahawe umwidegemvyo. ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Setefano. 10 Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge yahabwa na Mpwemu Yera iyo ariko aravuga.

11 Ni ko guca baha ingero abantu mu mpisho ngo baje kumudodobereza bamurega bati: "Twumvise Setefano atuka Mose, yongera atuka n’Imana."

12 Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abakuru b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Setefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko. 13 Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyoma, bavuga bati: "Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’ivyagezwe. 14 Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye."

15 Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ahumumarayika.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também