1 Inyuma y’imisi itatu Fesitusi ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu, 2 abonana n’abaherezi bakurubakuru n’abatware b’Abayuda, na bo bamushikiriza ivyo barega Pawulo. 3 Maze binginga Fesitusi ngo abagirire neza mu kwemera kwimurira Pawulo i Yerusalemu. Ivyo vyaterwa n’uko bari baramaze gutegura ingene boca bamutegerera mu nzira bakamwica. 4 Fesitusi arabishura ati: "Pawulo apfungiwe i Kayisariya, kandi nanje ndi mu gusubirayo vuba. 5 Nihagire bamwe mu barongozi banyu baza tujane, bamwagiririze hariya, nimba hari ikibi yakoze."
6 Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo. 7 Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.
8 Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: "Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari."
9 Kubera Fesitusi yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: "Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?"
10 Pawulo arishura ati: "Ubu mpagaze imbere y’ubucamanza bwa Kayisari, kandi ni ho ntegerezwa kuburanira. Nta caha nokoreye Abayuda nk’uko na we ubizi neza. 11 Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kunshira mu maboko y’aba Bayuda. Nsavye ko urubanza rwanje rwungururizwa kwa Kayisari."
12 Fesitusi amaze gukebukana n’abajenama biwe, aca avuga ati: "Ko witwaye kwa Kayisari, uzoburanira kwa Kayisari."
13 Haheze imisi mikeya umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesitusi. 14 Kubera bamaze imisi myinshi ngaho, Fesitusi aca aronka akaryo ko kuganira n’uwo mwami ivya Pawulo. Avuga ati: "Hano hari umugabo Felisi yasize ari imbohe. 15 Igihe naja i Yerusalemu, abaherezi bakurubakuru n’abakuru b’Abayuda, baramwitwariye bashaka ko ndamutsindisha.
16 Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza. 17 Abamwagiriza bashitse hano, sinatebeje urubanza, ku musi ukurikira, naciye nicara ku ntebe y’imanza, ndengutsa n’uwo mugabo. 18 Abamwagiriza barahagurutse ngo bavuge, ntibamwagirije icaha na kimwe mu vyo nari niteze. 19 Ariko bari bafise ivyo bapfa na we bijanye n’idini ryabo hamwe n’umugabo yapfuye yitwa Yesu, ariko Pawulo we yemeza ko ari muzima. 20 Jewe sinabona uko noca urwo rubanza, ni co gituma nasavye ko Pawulo yoja i Yerusalemu kugira ngo uburanire yo kuri ivyo bamwagiriza. 21 Ariko Pawulo we yasavye ko urubanza rwiwe rwokwungururizwa kwa Kayisari, naciye ntegeka ko aguma apfungiwe ngaha gushika ndamurungitse."
22 Agiripa aca abwira Fesitusi ati: "Nanje ndashaka kwiyumvira uwo muntu."
Aramwishura ati: "Ejo uzomwiyumvira."
23 Ku musi ukurikira, Agiripa na Berenise baza bari kumwe n’abagendanyi benshi, binjira muri sentare baherekejwe n’abasoda bakurubakuru hamwe n’abubahwa bo muri ico gisagara. Fesitusi aca ategeka ko bazana Pawulo. 24 Fesitusi avuga ati: "Mwami Agiripa, namwe mwese mukoraniye ngaha, murabona uwu mugabo! Abayuda bose baranyitwayeko bambwira ivyiwe haba i Yerusalemu canke ngaha i Kayisariya, basemerera ko adakwiye kwongera kubaho. 25 Mugabo, jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba ko urubanza rwiwe rwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma. 26 Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari. 27 Ntibibereye ko ndungika imbohe nterekanye ico yagirizwa."