1 I Kayisariya hariho umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano. 2 We n’umuryango wiwe bari bariyeguriye kwubaha Imana. Yaratanga ivyiwe abifashisha aboro, kandi agasenga ubudasiba. 3 Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha cenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, maze avuga ati: "Koruneliyo!"
4 Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: "Ni iki ga Mwami?"
Uwo mumarayika aramwishura ati: "Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vyo gufasha abakene vyaduze imbere y’Imana biba ishikanwa ry’icibutso. 5 Nuko rero rungika abantu i Yopa, bazane umugabo yitwa Simoni ari we Petero. 6 Ari kumwe na Simoni, akora ivyo gutunganya insato, inzu yiwe iri ku nkengera y’ikiyaga."
7 Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe hamwe n’umusoda yubaha Imana, umwe mu bamugendanira. 8 Nuko ababwira ivyabaye vyose aca abatuma i Yopa.
9 Bukeye, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ba bantu bakiri mu nzira bagira bashike i Yopa, Petero aduga hejuru ku gisenge c’inzu gusenga. 10 Hanyuma arasonza, ashaka ico arya. Bakiriko barategura infungurwa, aca aja mu vyo kwerekwa. 11 Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine. 12 Carimwo ibikoko vy’ubwoko bwose bigendera ku maguru ane, ibikwega inda hasi, hamwe n’ibiguruka mu kirere. 13 Maze yumva ijwi rimubwira riti: "Petero we, haguruka, ubage, urye."
14 Petero na we yishura ati: "Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye."
15 Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: "Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye."
16 Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
17 Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo. 18 Maze barahamagara babaza ko Simoni yitwa Petero yoba ari ho asavye indaro.
19 Petero akiriko ariyumvira kuri bimwe yerekwa, Mpwemu Yera aramubwira ati: "Simoni, hari abantu batatu bariko barakurondera. 20 Haguruka wururuke kandi ntutinye kujana na bo kuko ari jewe nabarungitse."
21 Petero arururuka, abwira ba bantu ati: "Ni jewe muriko murarondera. Muzanywe n’iki?"
22 Ba bantu barishura bati: "Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire." 23 Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho.
Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa. 24 Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo mu kubarindira, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe. 25 Petero ashitse mu nzu, Koruneliyo aca akubita ibipfukamiro hasi ngo amusenge. 26 Ariko Petero aramubwira ati: "Haguruka kuko nanje ndi umuntu nka we!"
27 Nuko bagenda baraganira berekeje aho abantu benshi bari bari. 28 Maze Petero aca ababwira ati: "Murazi neza ko amategeko y’idini ryacu atemerera Umuyuda kwifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye. 29 Ni co gituma igihe mwantumako nemeye kuza ntahigimanze. Nagomba rero kubaza icatumye muntumako."
30 Koruneliyo aramwishura ati: "Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje 31 ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vyo gufasha aboro. 32 Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asavye indaro mu nzu kwa Simoni akora umwuga wo gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’ 33 Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose."
34 Nuko rero Petero aherako avuga ati: "Ubu rero ni ho nkimenya vy’ukuri ko Imana idatoranya abantu ku butoni, 35 ariko ko mu mahanga yose umuntu wese ayubaha agakora ibigororotse imwemera. 36 Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga inkuru nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose. 37 Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha; 38 ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.
39 Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba, 40 ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye ku musi ugira gatatu, ituma asubira kuboneka. 41 Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we ivyokurya n’ibinyobwa amaze kuzuka mu bapfuye. 42 Kandi yadutumye kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashizeho ngo abe umucamanza w’abazima n’abapfuye. 43 Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe."
44 Petero akiriko aravuga ayo majambo, Mpwemu Yera amanukira ku bumvise ubwo butumwa bose. 45 Abizera bo mu bakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo, 46 kuko babumvise bavuga mu ndimi zitamenyekana, bahimbaza Imana.
Maze Petero aca avuga ati: 47 "Mbega hari uwobuza aba bantu kubatizwa mu mazi, kandi baronse Mpwemu Yera nk’uko natwe twamuronse?" 48 Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya.