1 Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baja aho Petero na Yohana bariko barigishiziza. 2 Bari bashavujwe cane n’uko izo ntumwa zariko zigisha abantu, zibabwira ivyo kuzuka kw’abapfuye kubonerwa muri Yesu Kristo. 3 Baca bafata Petero na Yohana, kandi kubera bwari bwije, babashira mw’ibohero gushika bukeye. 4 Ariko benshi mu bumvise ubutumwa bavuze bari bizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.
5 Bukeye, abatware, abakuru n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu. 6 Anasi umuherezi mukuru ni ho yari ari, ari kumwe na Kayafa, na Yohana, na Alegizandere hamwe n’abandi benshi bo mu muryango w’abaherezi bakuru. 7 Nuko barengutsa Petero na Yohana, babashira hagati, baca batangura kubabazagiza bati: "Ni ubushobozi nyabaki mwakoresheje, canke ni mw’izina rya nde mwakoze ivyo?"
8 Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aca ababwira ati: "Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko, 9 uwu musi turiko turasambishwa kubera igikorwa ciza cakorewe ikimuga, tubazwa n’ingene cakize. 10 Nuko rero mwese nimumenye neza ibi, mwebwe ubwanyu hamwe n’ubwoko bwose bw’Abisirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo w’i Nazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye. 11 Ni we
‘buye ryatawe n’abubatsi,
ariko ryahindutse irigumya imfuruka.’
12 Nta wundi agakiza karonkerwamwo, atari we, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo."
13 Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu. 14 Kandi kubera babona uwo muntu yakize ahagararanye na bo, nta co bari bafise bashobora gusubizayo. 15 Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo. 16 Barabazanya bati: "Mbega aba bantu tubagire dute? Abantu bose baba i Yerusalemu barazi ko bakoze igitangaza kigaragara neza, kandi natwe ntidushobora kubihakana. 17 Ariko kugira tubuze ibi bintu kubandanya vyamamara mu bantu, reka tubabuze kubandanya bigisha muri iryo zina rya Yesu."
18 Nuko barabahamagara, babihanikiriza ngo ntibaze bahirahire ngo bongere kuvuga canke kwigisha mw’izina rya Yesu. 19 Maze Petero na Yohana barabishura bati: "Mbega mubona ko ikibereye mu nyonga z’Imana, ari kwubaha mwebwe canke ari kwubaha iyo Mana? Gira ico mubitubwiyeko! 20 Kuko twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye."
21 Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha, bamaze kubura ingene bobahana; kubera abari ngaho bose bariko bashima Imana ku vyabaye. 22 Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.
23 Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abaherezi bakurubakuru n’abakuru bababwiye. 24 Bavyumvise, bose baca bashira amajwi yabo hejuru, basenga Imana, bavuga bati: "Mwami Imana uganje vyose, ni wewe waremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose. 25 Ni wewe wavuze biciye kuri Mpwemu Yera, no mu kanwa k’umusavyi wawe, sogokuruza Dawidi, uti:
‘Ni kuki amahanga yuzuye uburake,
kandi ni kuki bategura imigambi ata co ishobora gushikako?
26 Abami bo mw’isi
bakuye hasi,
n’abatware bagiye hamwe ngo bagwanye Uhoraho
n’uwo yarobanuje amavuta.’
27 Ni mu vy’ukuri ivyo vyarabaye, Herode Antipa, Pontiyo Pilato, Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bw’Abisirayeli bo muri iki gisagara, barifatanije kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta. 28 Ariko bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe. 29 None rero Mwami Imana, nurabe ingene badutera ubwoba, maze ushoboze abasavyi bawe kwigisha ijambo ryawe bashize amanga rwose. 30 Gorora ukuboko kwawe maze ukize ingwara, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu."
31 Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga rwose.
32 Abizera bose bari bahuje umutima n’inama muri vyose. Nta n’umwe yavuga ko ivyo atunze ari ivyiwe wenyene, ariko basangira ivyo bafise vyose. 33 Intumwa zabandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose. 34 Nta n’umwe yagira ico akeheje muri bo, kuko abari bafise amatongo canke amazu, babigurisha bakazana amahera vyaguzwe, 35 bakayashikiriza intumwa, maze na zo zikayabagabanganya, umwumwe wese akaronka ayakwiranye n’ivyo akenye.
36 Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zise Baranaba (risobanura ngo Umuntu atera intege), 37 yagurishije itongo ryiwe aca azana amahera yose yarigurishije, ayashikiriza intumwa.