Publicidade

Atos 1

Intangamarara

1 Yewe Teyofilo, mu gitabu ca mbere nanditse, navuze ivyo Yesu yakoze n’ivyo yigishije vyose kuva mu ntango y’igikorwa ciwe, 2 gushika ku musi yurizwa mw’ijuru, ahejeje kwongera kubwira intumwa yari yaratoranije ibizokurikira, ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. 3 Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aja ariyereka izo ntumwa, azereka ibemenyetso bigaragaza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana. 4 Umusi umwe, ariko asangira na bo, yababwiye ashimitse ati: "Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira. 5 Yohana yabatiza mu mazi, ariko mu gihe gito, mwebwe muzobatizwa muri Mpwemu Yera."

6 Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: "Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ya ngoma ya Isirayeli?"

7 Arabishura ati: "Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe canke imisi Data yashinze; ivyo biri mu bubasha bwiwe wenyene. 8 Ariko mwebwe muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi."

9 Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona.

10 Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu zera, bahagarara i ruhande yabo. 11 Barababaza bati: "Yemwe bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko nyene mumubonye agenda."

Matiyasi asubirira Yuda

12 Nuko baca bava kuri uwo Musozi wa Elayono, basubira i Yerusalemu, ni nk’urugendo rwemewe ku musi w’Isabato. 13 Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi, na bo ni aba:

Petero, Yohana, Yakobo, Andereya,

Filipo, Toma,

Baruteremi, Matayo,

Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.

14 Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.

15 Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abo bene Data (bashika nk’ijana na mirongo ibiri), 16 arababwira ati: "Bene Data, Ivyanditswe vyategerezwa gushika kuri Yuda, umwe yaza arongoye abaje gufata Yesu. Ivyo Mpwemu Yera yari yarabivuze kera aciye kuri Dawidi. 17 Yuda yari umwe muri twebwe, kandi twari dusangiye igikorwa."

18 (Ingero Yuda yahawe kubera ikibi yakoze yaguzwemwo itongo kandi ni ryo yaguyemwo, akoroka atanguje umutwe, inda yiwe irasaba, amara arasanzara. 19 Ababa i Yerusalemu bose baramenye iyo nkuru, baca bita iryo tongo Akelodama, bisobanurwa ngo: Itongo ry’amaraso.)

20 Petero avuga ati: "Mu gitabu ca Zaburi handitswe ngo:

‘I muhira iwe haze habe umusaka,

ntihagire n’umwe azohaba.’

Kandi ngo:

‘Aze asubirizwe mu mabanga yiwe y’uburongozi.’

21 Ni co gituma dukwiye gutora umwe mu bo twabanye mu gihe cose Umwami Yesu yagendanye natwe, 22 uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe."

23 Nuko baca batanga amazina y’abantu babiri ngo batoremwo umwe. Umwe yari Yosefu bita Barusaba (akongera akitwa Yusito), uwundi yari Matiyasi. 24 Nuko barasenga, bavuga bati: "Ewe Mwami Imana, ni wewe uzi imitima y’aba bantu bose. None rero niwerekane uwo utoranije muri aba babiri, 25 kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe." 26 Nuko bagira ubupfindo, Matiyasi aba ari we atorwa, aca yongerwa kuri bamwe cumi n’umwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_09-43-29-