1 Maze Pawulo na Silasi baca muri Amfipoli na Apoloniya, bashika i Tesalonike, ahari isinagogi y’Abayuda. 2 Pawulo yinjira mw’isinagogi nk’uko yari asanzwe abigenza. Amara amasabato atatu akurikirana aharira na bo ku Vyanditswe Vyera, 3 abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: "Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo." 4 Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.
5 Ariko bamwe mu Bayuda bibatera ishari, baca bakoranya abantu b’imburakimazi babakuye mu mabarabara yaho, bagira umugwi munini, hanyuma batangura gutera imigumuko mu gisagara. Nuko binjira mu nzu kwa Yasoni barondera Pawulo na Silasi, kugira ngo babajane imbere y’ikoraniro. 6 Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: "Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu. 7 Yasoni ni we yabahaye indaro, kandi bariko barenga amategeko ya Kayisari, bavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yesu." 8 Abantu bose n’abatware b’igisagara bavyumvise bagira uruhagarara. 9 Maze abatware b’ico gisagara baka Yasoni n’abari kumwe na we ingwati y’amafaranga, hanyuma barabarekura.
10 Bugorovye, bene Data barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda. 11 Abantu b’i Beroya bari bafise imitima yugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe Vyera umusi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri. 12 Nuko benshi mu Bayuda barizera, co kimwe n’abagore n’abagabo b’abanyacubahiro b’Abagiriki.
13 Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko. 14 Ubwo nyene bene Data baca barungika Pawulo ajana inzira ija ku kiyaga, ariko Silasi na Timoteyo baguma i Beroya. 15 Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basubira i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.
16 Pawulo akibarindiririye muri Atenayi, agira intuntu mu mutima kubera ibigirwamana vyinshi yabonye muri ico gisagara. 17 Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze. 18 Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: "Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?" Abandi bakavuga bati: "Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga." Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka. 19 Nuko bamujana imbere y’abagize inama nkuru y’igisagara ari yo bita Areyopago, bamubwira bati: "Twoshobora kumenya izo nyigisho nshasha uzanye? 20 Ivyo uzanye bimeze nk’ivyaduka mu matwi yacu, tugomba kumenya ivyo ari vyo." 21 (Mu bisanzwe abantu bo muri Atenayi n’abanyamahanga bahaba bama bahura ata kindi kibahuje atari ukuvuga n’ukwumviriza inkuri nshasha.)
22 Nuko Pawulo ahagarara imbere y’ikoraniro rya Areyopago, avuga ati: "Yemwe bantu bo muri Atenayi, ndabona ko mwubaha cane imana zanyu mu buryo bwose. 23 Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo:
Ic’imana Itazwi.
None rero iyo musenga mutazi ni yo ngira ndababwire.
24 Imana yaremye isi n’ibiyirimwo ni yo Mwami y’ijuru n’isi kandi ntiba mu nsengero zubatswe n’abantu. 25 Ntikeneye ko abantu bayifasha nk’aho umenga hariho ico ibuze, kuko ari yo nyene iha abantu ubuzima no guhumeka hamwe n’ibindi vyose. 26 Mu ruvyaro rw’umuntu umwe yakuyemwo amoko yose iyakwiza kw’isi yose. Ni yo yabashiriyeho igihe bazobaho, ibashingira n’imbibe z’aho bazoba. 27 Imana yakoze ivyo kugira ngo abantu bayirondere, kandi kugira ngo kumbure nibagerageza kuyirondera baze bayibone, n’aho itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe. 28 Ni kubera yo tubayeho, tukagendagenda, kandi tukagira ubuzima. Nk’uko bamwe mu bahinga banyu babivuze, ‘Turi uruvyaro rwayo.’
29 None rero, ko turi uruvyaro rwayo, ntidukwiye kwiyumvira ko Imana imeze nk’igishushanyo gikozwe mu nzahabu, mw’ifeza canke mw’ibuye, biciye mu buhinga n’amaboko vy’abantu. 30 Ibihe abantu batari bwamenye Imana, iyo Mana nta co ibibagirizako, ariko ubu ihamagarira abantu bose aho bari hose kwihana, 31 kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje umuntu yagenye. Ivyo Imana yabigaragaje mu maso ya bose mu kumuzura imukuye mu bapfuye."
32 Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: "Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe." 33 Nuko Pawulo aca ava muri iryo koraniro. 34 Ariko bamwe mu bari aho baca bahinduka abigishwa ba Pawulo, barizera. Muri abo harimwo Diyonisiyo, umwe mu bagize inama ya Areyopago, hamwe n’umugore yitwa Damari, n’abandi.