Publicidade

Atos 8

1 Na Sawuli ni ho yari ari kandi yari ashigikiye ko Setefano yicwa.

Ihamwa ry’Ishengero no gusanzara kwaryo

Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, barashwiragira, bamwe baja i Yudaya abandi baja n’i Samariya. 2 Abantu bubaha Imana baraza bahamba Setefano, kandi baramugandarira cane. 3 Ariko Sawuli we abandanya gusambura ishengero. Yinjira mu nzu ku yindi, afata abagabo n’abagore bizera asanzeyo, abata mw’ibohero.

Filipo avuga ubutumwa i Samariya

4 Abo bashwiragiye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose. 5 Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo. 6 Maze abantu benshi bamaze kwumva amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe. 7 Kuko abantu benshi baboshwe n’impwemu mbi barabohoka, izo mpwemu zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira. 8 Ivyo bituma haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.

Ivya Simoni umunyamareba

9 Hari umugabo yitwa Simoni yari amaze igihe ari umunyamareba muri ico gisagara, agatangaza ab’i Samariya bose, 10 kandi abantu bose, abahambaye n’aboroshe, baramutangarira bakavuga bati: "Uwu mugabo ni bwa bushobozi bw’Imana, bita ‘Ubushobozi Buhambaye.’ " 11 Barakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe. 12 Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa. 13 Na Simoni na we arabatizwa, aca aguma akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo akora.

14 Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye Ijambo ry’Imana, baca barungika Petero na Yohana. 15 Bashitseyo, barabasengera kugira ngo baronke Mpwemu Yera, 16 kuko nta muntu n’umwe muri bo yari bwaronke Mpwemu Yera; bari babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu gusa. 17 Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.

18 Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca abazanira amahera, 19 ababwira ati: "Nimumpe nanje ubwo bubasha kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azoronke Mpwemu Yera."

20 Petero aramwishura ati: "Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera. 21 Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana. 22 Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe. 23 Kuko ndabona ko wuzuye umururazi, kandi ko uri umugurano w’ikibi."

24 Simoni aca yishura ati: "Nsengera ku Mwami Imana kugira ngo ivyo uvuze vyose ntihagire na kimwe kizombako."

25 Bamaze gushinga intahe no kuvuga Ijambo ry’Umwami Imana, Petero na Yohana baca basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga Ubutumwa Bwiza mu mihana myinshi y’i Samariya.

Filipo abwira Ubutumwa Bwiza Umunyetiyopiya

26 Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: "Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza ho mu bugaragwa." 27 Nuko afata iyo nzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga. 28 Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. 29 Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: "Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande."

30 Nuko Filipo aranyaruka, agendera i ruhande y’uwo mukogote, yumva wa muntu ariko asoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. Aramubaza ati: "Mbega ivyo uriko urasoma urabitahura?"

31 Na we aramwishura ati: "Nobitahura gute ata wubinsiguriye?" Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baca baricarana.

32 Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:

"Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa,

atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya,

ntiyigeze akurako umunwa.

33 Yarateterejwe abura uwumurenganura.

Ni nde yovuga ivy’uruvyaro rwiwe?

Erega ubuzima bwiwe bwakuwe kw’isi."

34 Maze iyo nkone ibaza Filipo iti: "Mbwira: uwu muntu uwavugishwa n’Imana avuga ko ni nde, ni we yivugako canke avuga ku wundi muntu?" 35 Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.

36 Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: "Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?"

[ 37 Filipo aramwishura ati: "Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa."

Na we arishura ati: "Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana."] 38 Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza. 39 Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko aca abandanya urugendo anezerewe cane. 40 Filipo na we aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca agenda avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-