Publicidade

Atos 26

1 Agiripa na we abarira Pawulo ati: "Urahawe uburenganzira bwo kwiregura."

Pawulo aca aramvura ukuboko, atangura kwiregura, avuga ati: 2 "Mwami Agiripa, ngiriwe ubuntu bwo guhagarara imbere yawe uno musi, niregura ku vyo nagirizwa n’Abayuda, 3 na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.

4 Abayuda bose barazi ingene nabayeho kuva nkiri umwana, ingene nakuze haba mu gihugu navukiyemwo canke i Yerusalemu. 5 Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo y’idini ryacu. 6 Kandi igitumye mpagaze imbere y’ubucamanza uwu musi, ni kubera nizigiye ivyo Imana yasezeraniye ba sogokuruza. 7 Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza. 8 Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?

9 Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyanazareti. 10 Kandi ivyo narabikoze i Yerusalemu. Nahawe ububasha n’abaherezi bakurubakuru bwo gufata abizera no kubata mw’ibohero; kandi mu kubacira urwo gupfa, nari mu bavyemeza. 11 Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri ukwo kwuzura ishaka ribi nyene ryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahama no kubahigayo.

12 Umusi umwe nari ngiye muri ivyo bikorwa nyene i Damasiko, nari nahawe ububasha kandi ntumwe n’abaherezi bakurubakuru. 13 Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe. 14 Twese duca tugwa hasi, maze numva ijwi rimbarira mu Giheburayo riti: ‘Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki? Wibabariza ubusa kuko uriko utera imigere ku macumu.’

15 Nanje nca ndamubaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’

Na we ati: ‘Ndi Yesu uwo uriko urahama. 16 None rero va hasi uhagarare, kuko ndakwiyeretse kugira ngo ndagutume nk’umukozi wanje, kandi nk’icabona co gushingira intahe ivyo wambonyeko n’ivyo nzokwereka. 17 Nzokurokora mu maboko y’ubwoko bwawe no mu maboko y’Abanyamahanga, abo ndagutumyemwo, 18 kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’

19 None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru. 20 Natanguriye kubwira ab’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo. 21 Ico ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero bakagomba kunyica. 22 Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika, 23 ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga."

24 Ageze aho, Fesitusi aca amuciramwo arasemerera ati: "Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije."

25 Pawulo asubizayo ati: "Nyenicubahiro Fesitusi, sinasaze. Ivyo ndiko ndavuga ni ukuri kandi biratahuritse. 26 Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero. 27 Mwami Agiripa, mbega ntiwizera ivyo abavugishwa bavuze? Ndazi ko uvyizera."

28 Agiripa aca abaza Pawulo ati: "Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kunyemeza nkaba Umukristo?"

29 Pawulo asubizayo ati: "Umwanya waba muto canke munini, nta co bitwaye. Ico nsaba Imana ni uko atoba wewe gusa, ariko n’abariko baranyumviriza bose uwu musi bomera nkanje, uretse kuba muri iyi minyororo."

30 Umwami, umukuru w’intara na Berenise n’abari bicaranye na bo baca barahaguruka, baragenda. 31 Bavuye muri iyo sentare, bagenda baraganira, bavuga bati: "Uwu muntu nta co yakoze cotuma yicwa canke ngo ashirwe mw’ibohero."

32 Agiripa abarira Fesitusi ati: "Iyaba atari yaramaze kwungururiza kwa Kayisari, yaca arekurwa."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-22_10-02-25-