1 Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya amanuka i Kayisariya ari kumwe n’abatware n’umucamanza yitwa Teritulo, bazana ibirego barega Pawulo kuri wa mukuru w’intara. 2 Pawulo arengukijwe, Teritulo atangura kumwagiriza avuga ati: "Nyakwubahwa, tumaze igihe kirekire turi mu mahoro kubera intwaro yawe nziza, kandi ubwenge bwawe bwatumye hahinduka vyinshi mu gihugu cacu. 3 Muri vyose na hose ga nyakwubahwa Felisi, turabigushimira bivuye ku mutima. 4 Ariko ntiriwe ndakwicisha amajambo, ndakwinginze utugirire ubuntu utwumvirize akanya gato.
5 Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari hose kw’isi akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti, 6 kandi yagerageje no guhumanya urusengero, maze turamufata. [Twashaka kumucira urubanza twisunze ivyagezwe vyacu, 7 ariko Lusiyasi umukuru w’abasoda araza amudushikura mu maboko ku nguvu, 8 ategeka ko abamwagiriza baza kukwitura.] Nawe niwamwibariza uraza gusanga ivyo tumwagiriza ari ukuri."
9 Maze abandi Bayuda baca bahuriza hamwe mu kwemeza ko ivyo Teritulo avuze vyose ari ukuri.
10 Wa mukuru w’intara ahaye ijambo Pawulo ngo avuge, yiregura avuga ati: "Ndazi ko haheze imyaka myinshi ucira imanza abo muri iki gihugu; ni co gituma nezerejwe no kwiregura imbere yawe. 11 N’aho wotohoza, wosanga ata misi cumi n’ibiri iheze ngiye i Yerusalemu gusenga. 12 Aba bariko baranyagiriza ntibigeze basanga ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe, canke ngo ngumure abantu haba mu rusengero, mu masinagogi, canke ahandi aho ari ho hose muri ico gisagara. 13 Aba bantu ntibashobora kwerekana ivyemeza ivyo bariko baranyagiriza. 14 Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nkurikiza inzira, abo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo Ivyagezwe vyigisha vyose hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana. 15 Mfise ivyizigiro mu Mana, co kimwe n’ivyo aba bantu bafise, ko hazobaho ukuzuka kw’abagororotsi n’abanyakibi. 16 Ni co gituma nkora ibishoboka vyose kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.
17 Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi. 18 Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari. 19 Ariko hari bamwe mu Bayuda bo muri Aziya. Ni bo bari kuza imbere yawe bakagira ico bavuze hamwe boba bafise ico banyagiriza. 20 Canke abari ngaha, nibavuge icaha basanze kinyagira igihe narengutswa imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda, 21 uretse iki kimwe ko nasemereye mpagaze imbere yabo mvuga nti: ‘Aha ndiko ncirwa urubanza kuko nizera ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.’ "
22 Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’iyo Nzira, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: "Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza." 23 Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.
24 Haheze imisi myinshi, Felisi azanana n’umugore wiwe Durusila, yari Umuyudakazi, atumako Pawulo kugira ngo amwumvirize avuga ivy’ukwizera Kristo Yesu. 25 Pawulo ariko aravuga ivyerekeye ukugororoka, ukwirinda n’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: "Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko." 26 Kubera yari yiteze ko Pawulo ashobora kumuha igiturire, yama amutumako kenshi bakaganira.
27 Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesitusi, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.