1 Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli. 2 Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: "Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye." 3 Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.
4 Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga ryitwa Kupuro. 5 Bageze i Salamini bavuga ijambo ry’Imana mu masinagogi y’Abayuda, kandi Yohana Mariko yagendana na bo abakorera.
6 Nuko bagendagenda iryo zinga ryose gushika bashitse i Pafo. Aho bahahuriye n’Umuyuda w’umunyamareba yigira umuvugishwa, yitwa Bari Yesu, 7 yagendanira Serejiyo Pawulo, yaserukira Kayisari aho hantu; uwo yari umuntu w’umunyabwenge. Nuko Serejiyo Pawulo atumako Baranaba na Sawuli, kugira ngo yumve ijambo ry’Imana. 8 Ariko wa munyamareba Eluma (izina ryiwe ni ko risobanurwa mu Kigiriki), arabahaririza agomba guhuvya ukwizera kw’uwo aserukira Kayisari. 9 Maze Sawuli, ari we yitwa Pawulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso, 10 amubwira ati: "Wa mwana wa wa mubi we, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami? 11 Noneho rero Imana ibanguye ukuboko ngo iguhane. Ugiye guhuma, kandi kuva ubu ntuzosubira kubona umuco w’izuba."
Ubwo nyene amaso yiwe aca yuzura umwijima, amera nk’uwo bwiriyeko, atangura kujuragirika mu mpande zose arondera uwomufata ukuboko. 12 Maze uwo aserukira Kayisari abonye ibibaye arizera kuko yari atangajwe cane n’izo nyigisho zavuga ivy’Umwami Yesu.
13 Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu. 14 Hanyuma bava i Peruga baja muri Antiyokiya h’i Pisidiya. Ku musi w’Isabato baja mw’isinagogi baricara. 15 Bahejeje gusoma mu gitabu c’Ivyagezwe n’abavugishwa n’Imana, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: "Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege abantu, nimuhaguruke mwigishe."
16 Pawulo ahagurutse, arabamama ngo bacereze, maze ababwira ati: "Yemwe Bisirayeli namwe Banyamahanga mwubaha Imana, muntege amatwi! 17 Imana y’ubwoko bwa Isirayeli ni yo yatoranije ba sogokuruza, ibaha kuba ihanga rikomeye mu gihugu c’Abanyamahanga Egiputa, hanyuma ibakuzayo ukuboko kwayo kw’ubushobozi, 18 yihanganira ubugaba bwabo imyaka mirongo ine mu bugaragwa. 19 Yaranduye amahanga indwi yo mu gihugu c’i Kanani, igiha ubwoko bwacu ngo bucegukire. 20 Ivyo vyose vyabaye nko mu kiringo c’imyaka amajana ane na mirongo itanu.
Inyuma y’ivyo Imana yabahaye abacamanza gushika mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli. 21 Ariko mu nyuma bayisaba umwami, na yo ibaha Sawuli mwene Kishi, yava mu muryango wa Benyamini, abaganza imyaka mirongo ine. 22 Imaze gukura Sawuli, yimitse Dawidi ngo abe umwami wabo. Yamushingiye intahe iti: ‘Nironkeye Dawidi mwene Isayi, umuntu ahuye n’uko umutima wanje ugomba, azoshitsa ivyo ngomba vyose.’
23 Mu ruvyaro rw’uwo muntu, ni ho Imana yacishije Yesu, umukiza w’Abisirayeli, nk’uko yari yarabisezeranye. 24 Imbere y’ukuza kwa Yesu, Yohana yigisha ukwihana n’ukubatizwa ku bantu bose b’Abisirayeli. 25 Yohana ariko araheraheza igikorwa ciwe, yavuze ati: ‘Mwibaza ko ndi nde? Sindi wa wundi mwiteze, haba na mba. Ariko hari uwuje inyuma yanje; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.’
26 Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe. 27 Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato. 28 Naho ata camwagira cari gutuma bamucira urubanza rwo gupfa, basavye Pilato kumwicisha. 29 Bamaze gushitsa ivyanditswe kuri we vyose, bamumanuye ku musaraba bamushira mu mva. 30 Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, 31 hanyuma amara imisi myinshi yiyereka abagendanye na we kuva i Galilaya gushika i Yerusalemu. Ubu ni bo bariko baramushingira intahe mu bwoko bwacu.
32 Natwe rero turi ngaha tubabwira iyi nkuru nziza: Ico Imana yasezeraniye ba sogokuruza 33 yagishikije ku bwacu, twebwe abana babo, mu kuzura Yesu mu bapfuye. Ibi ni vyo vyanditswe muri Zaburi ya kabiri ngo:
‘Uri umwana wanje;
uwu musi ndakuvyaye.’
34 Imana yaramuzuye mu bapfuye kugira ngo ntaze yigere abora. Imana yabivuze muri aya majambo, iti:
‘Nzobaha imigisha itunganye kandi idahinduka,
iyo nasezeraniye Dawidi.’
35 Ahandi naho havuga ngo:
‘Ntuzoreka uwera wawe ngo abore.’
36 Dawidi amaze gukora ivyo Imana igomba mu gihe ciwe, yarasinziriye, ahambwa hamwe na ba sekuruza, umubiri wiwe urabora. 37 Ariko uwo Imana yazuye mu bapfuye ntiyigeze abora.
38 None rero bene Data, turabamenyesha ko ari muri Yesu mumenyesherezwa inkuru yo guharirwa ivyaha. 39 Muri we, uwizera wese aba abohowe icaha ciwe cose, ari kwo kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, ukwo mutashobora guhabwa n’Ivyagezwe vya Mose. 40 Mwiyubare rero kugira ngo ivyo abavugishwa bavuze ntibibashikeko, aho bavuga ngo:
41 ‘Nimwitegereze, mwa bacokoranyi mwe,
mutangare maze muzimangane.
Kuko mu gihe canyu ngiye gukora kintu,
mutokwigera mwemera,
naho hogira uwukibabwira.’"
42 Mu gihe Pawulo na Baranaba bariko barasohoka bava mw’isinagogi, abantu barabinginga ngo bazogaruke ku musi w’Isabato ikurikira kugira ngo bashishikare kwigisha kuri ayo majambo. 43 Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.
44 Ku musi w’Isabato ukurikira, igisagara nka cose cari cakoranye ngo bumvirize ijambo ry’Umwami Imana. 45 Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.
46 Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: "Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga. 47 Kuko Umwami yari yadutegetse ati:
‘Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga,
kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.’"
48 Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera.
49 Nuko ijambo ry’Imana ryamamara muri iyo ntara yose. 50 Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara. 51 Pawulo na Baranaba na bo bakunkumura umukungugu wo mu birenge vyabo, baca baja muri Ikoniyo. 52 Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwinshi, buzuye Mpwemu Yera.