Publicidade

Atos 5

Ivyabaye kuri Ananiya na Safira

1 Ariko hariho umugabo yitwa Ananiya, yari afise umugore yitwa Safira. Bagurisha itongo ryabo babigiye inama. 2 Aca yumvikana n’uwo mugore wiwe, bafata igice c’amahera bakuyemwo barakinyegeza, igice kindi aba ari co bajana bagishira imbere y’ibirenge vy’intumwa.

3 Maze Petero abaza Ananiya ati: "Ananiya, ni gute wemeye ko Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera mu kunyegeza igice c’amahera wagurishije itongo ryawe? 4 Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire gukora ikintu nk’ico? Erega si twebwe wabeshe, ahubwo wabeshe Imana!"

5 Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba. 6 Maze abasore bari ngaho baca bava hasi, batekera ikiziga ciwe bakijana kugihamba.

7 Haciye nk’amasaha atatu umugore wiwe aca arashika, atazi ivyabaye. 8 Petero aramubaza ati: "Mbwira! Aya ni amahera yose mwe na Ananiya mwakuye mw’itongo mwagurishije?"

Safira amwishura ati: "Egome, ni ayo."

9 Petero aca amubwira ati: "Vyabagendeye gute ngo mwumvikane guhenda Mpwemu w’Umwami Imana? Raba ibirenge vy’abavuye guhamba umugabo wawe bigeze aho imbere y’umuryango, kandi nawe barakujana."

10 Ubwo nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vya Petero, aracikana. Ba bantu baca barinjira, basanga na we arapfuye, baramufata baja kumuhamba, bamuryamika i ruhande y’umugabo wiwe. 11 Ishengero ryose n’abumvise ivyabaye bose baca bafatwa n’ubwoba bwinshi.

Intumwa zikiza abagwaye benshi

12 Inyuma y’ivyo, intumwa zibandanya zikora ibitangaza n’utwumiza mu bantu, kandi abizera bose bama bahurira hamwe mw’ibaraza rya Salomo, bahuje umutima n’inama. 13 Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane. 14 Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana. 15 Vyatuma kandi abantu benshi bama bazana abagwaye bakabaryamika mu nderuzo no ku birago i ruhande y’inzira, kugira ngo Petero arenganye igitutu ciwe gipfume kibashikira. 16 Abantu isinzi bama bakorana bavuye mu mihana ikikuje Yerusalemu, bazanye abagwaye n’abafashwe n’impwemu mbi, kandi bose barakira.

Intumwa zihamwa

17 Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari ryinshi intumwa. 18 Nuko barabafata babashira mw’ibohero. 19 Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’iryo bohero, arabasohora. 20 Maze arababwira ati: "Nimugende muhagarare mu rusengero, mubwire abantu ubutumwa bwuzuye bw’ivy’ubu bugingo bushasha."

21 Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha.

Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, bahejeje barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa. 22 Ariko abo barinzi b’urusengero bashitse kw’ibohero, ntibabasangayo, baca basubira inyuma gutanga inkuru, 23 bavuga bati: "Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata muntu n’umwe yariyo." 24 Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abaherezi bakurubakuru bavyumvise barazazanirwa cane bibaza ibishobora gukurikira.

25 Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: "Ba bagabo mwashira mw’ibohero, bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu." 26 Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana izo ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.

27 Babashikanye, babashira imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko, maze umuherezi mukuru atangura kubasambisha. 28 Arababwira ati: "Twari twabihanikirije kutongera kwigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu."

29 Petero n’izindi ntumwa barishura bati: "Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu! 30 Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu mu bapfuye, uwo mwari mwishe mumubamvye ku musaraba. 31 Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo. 32 Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira."

33 Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha. 34 Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gatoya izo ntumwa. 35 Aca abwira abagize inama nkuru y’Abayuda ati: "Bagabo bo muri Isirayeli, mwiyumvire neza ku vyo mugomba kugirira aba bantu. 36 Mu misi iheze, uwitwa Teyuda yaje yigira uwuhambaye, abantu bashika amajana ane baramukurikira. Amaze kwicwa, abamukurikira bose baciye basanzara, ntibagira ico bashikako. 37 Inyuma yaho, Yuda Umunyagalilaya yaje mu misi yo gusansuma abantu, arongoye umugwi w’abantu bagumutse. Na we nyene yarishwe, abamukurikira barasanzara. 38 None rero ku bw’aba bantu na bo, ndabahanure: Nimurekure aba bantu bigire! Kuko nimba ivyo bariko barakora vyavuye ku bantu, nta ho bizoshika. 39 Ariko nimba biva ku Mana, ntimuzoshobora kubagwanya; ahubwo muzosanga muriko mugwanya Imana."

40 Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.

41 Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo. 42 Imisi yose bama mu rusengero canke mu mihana, ntibigeze bahagarika kwigisha no kwamamaza inkuru nziza, bavuga ko Yesu ari we Kristo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-