Publicidade

Romanos 13

Kwubaha abategetsi

1 Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana. 2 Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza. 3 Kuko abatware ntibateye ubwoba ku bakora ibibereye, ahubwo bateye ubwoba ku bakora ibibi. Woba ugomba kutagira ubwoba imbere y’abategetsi? Kora ibibereye bazogushimira. 4 Kuko abategetsi ni abakozi batumwe n’Imana ku neza yawe. Ariko nimba ukora ibibi, birumvikana ko utegerezwa gutinya, kuko bafise ububasha bwo kuguhana. Ni abakozi Imana yatumye guhana inkozi z’ibibi. 5 Ni co gituma ubwirizwa kubumvira, atari mu ntumbero yo kugira ngo ntuhanwe, ariko kandi kubera ijwi ryo mu mutima ribidutegeka.

6 Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka. 7 Uhe umuntu wese ivyo akwiye guhabwa: abakwiye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiye gutinywa mumutinye, uwukwiye icubahiro mumwubahe.

Dukundane

8 Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe. 9 Amabwirizwa avuga ngo: "Ntugasambane; ntukice; ntukibe; ntukipfuze ivy’abandi," hamwe n’ayandi nk’ayo akoranirijwe muri iri rimwe rivuga ngo: "Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda." 10 Uwukunda nta kibi na kimwe yogirira uwo akunda. Uwukunda, aba ashikije ivyagezwe vyose.

Kwitegurira kugaruka kwa Yesu

11 Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera. 12 Ijoro riritereye, igitondo c’agakiza kiri hafi gushika. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco aribwo buzima bugororotse. 13 Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kurenza urugero mu vyokurya no mu vyo kunywa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari. 14 Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo nk’aho ari we mwambaye, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-