1 Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana, 2 ubwo yari yarasezeranye kuva kera ibicishije ku bavugishwa na yo, nk’uko biri mu Vyanditswe Vyera. 3 Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi, 4 maze yerekanwa mu bushobozi ko ari Umwana w’Imana mu buryo bwa Mpwemu Yera, igihe yazuka mu bapfuye. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu. 5 Biciye muri Kristo, twagiriwe ubuntu bwo kuba intumwa mu Banyamahanga aho bari hose no kubabwira ivyo Imana yabakoreye, kugira ngo bayizere bongere bayumvire, maze biheshe icubahiro izina ryayo. 6 Namwe abari i Roma muri bamwe muri abo Banyamahanga bahamagariwe kuba aba Yesu Kristo.
7 Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe:
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.
8 Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje, ndabicishije kuri Yesu Kristo ku bwa mwebwe mwese, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose. 9 Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka 10 igihe cose nsenze. Kimwe mu vyo nsengera, ni uko Imana, nimba bihuye n’ugushaka kwayo, yomfasha kugira ngo nshobore kuza kubaramutsa.
11 Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire ziva kuri Mpwemu, zibakomeze mu Mwami. 12 Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu. 13 Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza n’ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.
14 Kuko ntegerezwa kwitaho bose, abantu bose; abateye imbere n’abadateye imbere, abize n’abatize. 15 Ni co gituma, mfise inyota yo kubabwira Ubutumwa Bwiza namwe ababa i Roma.
16 Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. 17 Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera."
18 Uburake bw’Imana bwarahishuwe buvuye mw’ijuru, ubwo irakira ukutayubaha kwose n’ububi bw’abantu, kuko mu ngeso zabo mbi bagwanya ukuri ngo ntikugaragare. 19 Yamara ibikenewe vyose kugira ngo bamenye Imana biragaragara mu maso yabo, kuko Imana ubwayo yabishize ahabona. 20 Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.
21 Ariko naho bamenye Imana, ntibayubashe nk’Imana canke ngo bayishime uko bikwiye, ahubwo ivyiyumviro vyabo vyabandanije kuba bibi, imitima yabo itagira ubwenge yuzura umwijima. 22 Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu. 23 Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.
24 Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo. 25 Ukuri kwerekeye Imana bagukavye ikinyoma, basenga ivyaremwe baranabikorera mu kibanza c’Umuremyi, we abereye gushimwa ibihe vyose! Amen.
26 Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha gukoresha imibiri yabo mu buryo bunyuranye n’ubwo yaremewe. 27 N’abagabo na bo bahevye kuryamana n’abagore babo nk’uko Imana yabitegekanije, biyononesha kwipfuzanya hagati yabo. Abagabo bakoranye n’abandi bagabo ibiteye isoni, hanyuma bahabwa igihano gikwiranye n’ubuzimire bwabo.
28 Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ivyo batari babereye gukora. 29 Ubuzima bwabo bwuzuyemwo ubukozi bw’ikibi bw’uburyo bwose, ukwipfuza ibintu, urwanko, ishari, ubwicanyi, gutongana, gusukana, guhendana, urusaku, 30 kuvuga nabi abandi, kwanka Imana, gutukana, kwibona, kwishira hejuru, ubuhizi mu gukora ikibi, kugarariza abavyeyi, 31 guhindagurika, kudashitsa ivyo bemeye, kugira imitima ikomantaye hamwe no kutagira impuhwe. 32 Kandi naho bazi ko Imana ihanisha urupfu abakora ivyo, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.