Publicidade

Ester 9

1 Ku musi wa cumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri, ari kwo bita Adari, icagezwe casohowe n’umwami categerezwa gushirwa mu ngiro. Kuri uwo musi abansi b’Abayuda bari bizigiye kubanesha, ariko birahinduka maze Abayuda banesha abansi babo. 2 Abayuda bakoranira mu bisagara vyabo mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi ngo batere abarondera kubica. Nta n’umwe yashoboye kubahagarara imbere, kuko abantu bose bo mu bundi bwoko baciye babatinya cane. 3 Kandi abakuru bo mu ntara, abatwarira umwami, abakuru b’intara n’abandi bafasha umwami gutwara baca bafasha Abayuda, kuko bari batekewe n’ubwoba batinya Moridekayi. 4 Moridekayi yari yabaye agakomeye ku kirimba; ukumenyekana kwiwe gukwira mu ntara zose, kandi akomeza kuba umunyabushobozi.

5 Abayuda batsinda abansi babo babamarisha inkota, barabica, barabatikiza, kandi bakora ico cose bipfuza ku bansi babo. 6 Ku mugwa w’i Suza, Abayuda bica abagabo amajana atanu. 7 Bica na Parishandata, Dalufoni, Asipata, 8 Porata, Adaliya, Aridata, 9 Parumashita, Arisayi, Aridayi na Vayizata, 10 abahungu cumi ba Hamani mwene Hamedata, umwansi w’Abayuda. Ariko ntibakora ku kintu na kimwe ngo bagisahure.

11 Igitigiri c’abishwe ku mugwa i Suza kimenyeshwa umwami kuri uwo musi nyene. 12 Umwami abwira umwamikazi Esiteri ati: "Abayuda bishe bakuraho abagabo amajana atanu n’abahungu cumi ba Hamani ku mugwa i Suza. Nimba bakoze ivyo ngaha, mu zindi ntara z’ubwami ho bakoze iki? None rero ubu hari ikindi usaba? Na co uragihabwa. Vuga ico ukeneye cose, na co nyene urakironka."

13 Esiteri aramwishura ati: "Nivyaba bihimbaye umwami, niyemerere Abayuda bari i Suza gushishikara gushira mu ngiro ca cagezwe no ku musi w’ejo, kandi ba bahungu cumi ba Hamani bamanikwe ku giti."

14 Nuko umwami ategeka ko n’ivyo bikorwa, icagezwe kirasohoka i Suza, maze baca bamanika ba bahungu cumi ba Hamani. 15 Abayuda b’i Suza barakorana ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa Adari, bica i Suza abagabo amajana atanu, ariko ntibagira ico basahura.

16 Muri ico gihe, Abayuda basigaye bo mu zindi ntara umwami yatwara na bo nyene barakorana ngo bigwanire, bivune abansi babo. Bica ibihumbi mirongo indwi na bitanu muri bo ariko ntibakora kw’isahu. 17 Ivyo vyashitse ku musi wa cumi na gatatu w’ukwezi kwa Adari, maze ku musi wa cumi na kane bararuhuka kandi bawugira umusi mukuru wo guhimbaza n’uwo umunezero.

18 Ariko Abayuda b’i Suza bari bakoraniye hamwe ku musi wa cumi na gatatu n’umusi wa cumi na kane, maze ku musi ugira cumi na gatanu bararuhuka baca bawugira umusi w’umunezero no guhimbaza.

19 Ni co gituma Abayuda bo mu misozi, ababa mu bigwati, bahimbaza umusi wa cumi na kane w’ukwezi kwa Adari nk’umusi w’umunezero no guhimbaza, umusi wo guhanahana ingabire.

Bahimbaza umusi mukuru wa Purimu

20 Moridekayi yandika ivyo vyabaye, kandi arungika amakete ku Bayuda bose bari mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi, aba hafi n’aba kure, 21 ngo baze bame bahimbaza uko umwaka utashe imisi ya cumi na kane na cumi na gatanu y’ukwezi kwa Adari 22 nk’igihe Abayuda bivuna abansi babo, kandi nk’ukwezi umubabaro wabo wahindutsemwo umunezero, ukugandara kwabo kugahindukamwo umusi wo guhimbaza. Abandikira ngo baze bafate iyo misi nk’imisi mikuru y’umunezero no guhanahana ingabire z’ivyokurya n’ingabire ku bakene.

23 Nuko Abayuda baravyemera ko bazoshishikara ukwo kwiginana bari batanguye, bagakora ivyo Moridekayi yabandikiye. 24 Kuko Hamani mwene Hamedata Umwagagi, umwansi w’Abayuda, yari yagiye inama yo kwica Abayuda akagira ubupfindo bita puri kugira ngo abaherengeteze abamare kuri iryo genekerezo. 25 Ariko bimaze gushika imbere y’umwami, arungika amategeko yanditse kugira ngo izo nama mbi Hamani yari yagiriye Abayuda zisubire ku mutwe wiwe ubwiwe, kandi ngo abahungu biwe bamanikwe ku biti. 26 Nuko iyo misi yitwa Purimu, ijambo rivuye mw’ijambo puri. Kubera ikintu cose canditswe muri iryo kete no kubera ko bari babonye ivyababayeko, 27 Abayuda bashiraho umugenzo kugira ngo bo bo ubwabo n’abazobakomokako n’abazokwifatanya na bo bose baze bahimbaze iyo misi ibiri uko umwaka uheze, nk’uko vyategekanijwe no mu gihe cashinzwe. 28 Iyo misi ize yibukwe guhimbazwa uko urunganwe ruzogenda rukurakuranwa n’urundi no mu miryango yose, mu ntara zose no mu bisagara vyose. Abayuda ntibaze bigere bibagira guhimbaza iyo misi ya Purimu, canke ngo uruvyaro rwabo ruyibagire.

29 Nuko umwamikazi Esiteri, umukobwa wa Abihayili, hamwe na Moridekayi Umuyuda, barandika, bakoresheje ububasha bwose, ngo bemeze iryo kete rya kabiri ryerekeye Purimu. 30 Kandi Moridekayi arungikira amakete Abayuda bose bo mu ntara ijana na mirongo ibiri n’indwi z’ubwami bwa Ahasuwerusi, arimwo amajambo yo kubipfuriza ivyiza no kubaremesha. 31 Ayo makete yari ayo kwemeza iyo misi ya Purimu n’ibihe yashingiwe, nk’uko Moridekayi Umuyuda na Esiteri umwamikazi bari babishinze, bakayemeza ku bwabo no ku bw’uruvyaro rwabo, bibuka ibihe vyo kwisonzesha no gukoma induru baboroga. 32 Itegeko rya Esiteri ryemeza ivyo vyashinzwe vyerekeye Purimu, kandi vyandikwa mu bitabu vy’ibigenda biraba.

Veja também

Publicidade
Ester
Ver todos os capítulos de Ester
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-