Juízo
O juízo de Deus é manifestação de sua justiça e soberania. Ele julga o mundo, julga as nações e julga cada coração com perfeita equidade e misericórdia.
O juízo de Deus
Deus é juiz justo que prova os corações. Seu juízo é verdadeiro e alcança toda obra, secreta ou pública.
Kuko Imana izoshira mu rubanza igikorwa cose,
harimwo n’ibintu bihishijwe vyose,
ari bibi canke ari vyiza.
Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha. Vyongeye, Data nta muntu acira urubanza. Ahubwo yahaye Umwana ububasha bwose bwo guca imanza, kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo. Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo. Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we. Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.
Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe, hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza. Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.
Nimba nishingira intahe, intahe yanje si iy’ukuri.
Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira. Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ivy’ukugororoka hamwe n’ivy’urubanza. Ivy’icaha kuko banse kunyizera.
Yesu arababwira ati: "Iryo jwi ntirivuze ku bwanje, ni ku bwanyu. Igihe co gucira iyi isi urubanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze. Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose."
Wa muntu aravuga ati: "Mwami, ndizeye." Nuko aca aramwunamira.
Yesu aca avuga ati: "Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo abahumye bahumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi."
Prestando contas
Cada um prestará contas de si mesmo a Deus. O juízo começa pela casa de Deus e depois alcança os que não obedecem ao evangelho.
Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza. Nk’akarorero, uwukomeye mu kwizera ashobora kurya indya zose. Uwundi na we, kubera atarakomera mu kwizera, agahitamwo kurya imboga gusa. Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye. Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.
Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.
Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi. Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.
Kuko igihe cashitse c’uko urubanza ruhera mu nzu y’Imana. Nimba urubanza ruhereye kuri twebwe, mbega ntazoba ari akaga gakomeye ku bantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Imana!
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.
Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe?
Justiça e redenção
O juízo de Deus é também redenção. Ele livrou Israel do Egito com juízos e salva os arrependidos pela cruz de Cristo.
None rero barira Abisirayeli uti: ‘Ndi Uhoraho, nzobakura musi y’agacinyizo k’Abanyegiputa. Nzobabohora mureke kubabera abagurano, nzogorora ukuboko kwanje ndabacungure nkoreshe n’ibikorwa bikomeye bigaragaza urubanza mbaciriye.
Iryo joro nyene nzoca muri Egiputa, nice imfura zose, iz’abantu n’iz’ibikoko, nongere ncire urubanza imana zose za Egiputa. Ni jewe Uhoraho ndabivuze.
Nacumuye kuri wewe, wewe wenyene,
nakoze ibibi mu nyonga hawe;
ari na co gituma uvuga ukuri mu manza uca
kandi ata co ugawa iyo uciye urubanza.
Siyoni haravyumva maze hakanezerwa
n’imihana y’i Buyuda igahimbarwa
kubera guca amateka kwawe.
Bamenaguye ivyabajwe vyose
bakoresheje incabiti n’inyundo vyabo.
Baturiye ahera hawe barahasenyura;
bahumanije ahera hagaragaza izina ryawe.
Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati:
"Haleluya!
Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,
kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse.
Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye,
umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe.
Yaramwihoye kubera amaraso y’abakozi bayo yasheshe."
Bongera barasemerera bati:
"Haleluya!
Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose."