Pular para o conteúdo
Publicidade

Legalidades

Por Bíblia Online

A Bíblia reconhece a necessidade de leis e governo civil. Os cristãos são chamados a obedecer às autoridades estabelecidas por Deus, enquanto mantêm a lealdade suprema a Cristo.

Submissão às autoridades

Toda autoridade é instituída por Deus. O cristão é chamado a respeitar as leis, pagar tributos e honrar quem governa.

Kwubaha abategetsi

Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana. Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza. Kuko abatware ntibateye ubwoba ku bakora ibibereye, ahubwo bateye ubwoba ku bakora ibibi. Woba ugomba kutagira ubwoba imbere y’abategetsi? Kora ibibereye bazogushimira. Kuko abategetsi ni abakozi batumwe n’Imana ku neza yawe. Ariko nimba ukora ibibi, birumvikana ko utegerezwa gutinya, kuko bafise ububasha bwo kuguhana. Ni abakozi Imana yatumye guhana inkozi z’ibibi. Ni co gituma ubwirizwa kubumvira, atari mu ntumbero yo kugira ngo ntuhanwe, ariko kandi kubera ijwi ryo mu mutima ribidutegeka.

Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka. Uhe umuntu wese ivyo akwiye guhabwa: abakwiye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiye gutinywa mumutinye, uwukwiye icubahiro mumwubahe.

Dukundane

Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.

Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izobagendera.

Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose, canke abatware yahaye kumutwarira intara kugira ngo bahane abakora ibibi kandi bashimire abakora ivyiza.

None rero tubwire ico wiyumvira: Mbega ivyagezwe vyacu biratwemerera gutanga ikori rya Kayisari, canke ntibibitwemerera?"

Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bari bafise, ababwira ati: "Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego? Nyereka igiceri mukoresha mu kuriha ikori." Bamuzanira idenariyo, igiceri c’Abaroma, aca arababaza ati: "Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?"

Baramwishura bati: "Ni ivya Kayisari."

Aca ababwira ati: "Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana."

Obrigações legais

Jesus cumpriu obrigações legais, pagou impostos e orientou seus seguidores a obedecer à lei sem comprometer a fé.

Ikori ry’urusengero

Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, baramubaza bati: "Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?"

Petero arabishura ati: "Egome araritanga."

Petero yinjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, amubaza ati: "Wiyumvira iki ga Simoni? Ni ba nde baha abami bo muri iyi isi amakori n’amatagisi? Ni abana babo canke ni abandi bantu?"

Petero aramwishura ati: "Ni abandi bantu."

Yesu aramubwira ati: "Urumva rero ko abana batariha ikori. Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange."

Nihagira umuntu aja kukwitwarira mu rubanza, wihutire kwiyuzuza na we mukiri mu nzira, kugira ngo ntagushikirize umucamanza hanyuma na we akagutanga ku mukuru w’ibohero, uwo na we akaguta mw’ibohero. Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.

Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’abanyamahanga. Ariko nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga,

Ivuka rya Yesu

Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma. Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kiriniyusi yatwara intara ya Siriya. Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.

Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi. Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze.

Perspectiva divina

As nações são como uma gota no balde diante de Deus. Ele abre portas que nenhuma lei pode fechar.

Imbere yUhoraho, amahanga ameze nk’ima ry’amazi mu ndobo;

ameze nk’umukungugu ku munzane.

Agera izinga nk’aho ari umukungugu utumuka.

Imbere yiwe amahanga yose ni ubusa;

nta co amaze,

ni ubusa gusa.

kuko hariho akaryo keza ko gukorera Imana naho hari abangwanya benshi.

Pilato aramubaza ati: "Ni kuki utanyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura canke kukubamba?"

Yesu aramwishura ati: "Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe."

Seja o primeiro

Este artigo te tocou? Faça uma oração!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.