Pular para o conteúdo
Publicidade

Ler a Bíblia

Por Bíblia Online

Ler a Bíblia é essencial para a vida cristã. A Escritura é lâmpada para os pés, alimento para a alma e espada do Espírito. O cristão que lê a Bíblia é transformado pela Palavra.

A importância de ler

Meditar na Palavra dia e noite traz prosperidade e bom sucesso. Ler a Bíblia ilumina o entendimento e fortalece a fé.

Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.

Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,

ni umuco umurikira mu nzira yanje.

Iyo umuntu amenye ijambo ryawe, abona umuco;

abadaciye ubwenge ribaha ugutahura.

Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!

Ndabirimbura bukarinda bwira.

Amabwirizwa yawe yamana nanje

antera kuba umunyabwenge kuruta abansi banje.

Mfise ugutahura kurusha abanyigishije,

kuko ndimbura ivyo washinze.

Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?

Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.

Nzokuronderana umutima wanje wose;

ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.

Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje

kugira ngo sindagucumureko.

A Escritura é inspirada

Toda a Escritura é útil para ensinar, corrigir e instruir em justiça. Examine as Escrituras — nelas encontramos a vida eterna.

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,

Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.

Hahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi hahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.

Mu kurindira ko ndagushikira, witange mu gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.

Estudar com diligência

Os bereanos eram mais nobres porque examinavam as Escrituras diariamente. O estudo dedicado da Bíblia produz maturidade espiritual.

Abantu b’i Beroya bari bafise imitima yugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe Vyera umusi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.

Kandi Ezira yari yariyeguriye kwiga no kwitondera Ivyagezwe vyUhoraho no kwigisha ivyo yihanikirije n’amabwirizwa yatanze mu Bisirayeli.

Basoma mu Gitabu c’Ivyagezwe vy’Imana, barabitomora, babiha n’insiguro kugira ngo abantu bashobore gutahura ivyariko birasomwa.

Yesu arabishura ati: "Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.

Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse. Muzoyabohere ku maboko, muyambare no mu ruhanga nk’ivyibutso.

Akamaro k’ubwenge

Mwana wanje, niwakira amajambo yanje,

ukazigama ivyo ndakwihanikiriza,

ugatega ugutwi amajambo y’ubwenge,

ugashira umutima wawe ku gutahura,

ugahamagara ubwenge,

ukaririra ugutahura,

ukabirondera nk’uwurondera ifeza

canke ubutunzi buhishijwe,

ico gihe uzomenya kwubaha Uhoraho ico ari co,

kandi uzogira ugutahura kuvuye ku Mana.

Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge,

kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.

Seja o primeiro