1 Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo. Natumwe kubwira abatoranijwe n’Imana ivyo kwizera no kubigisha kumenya ukuri kubereka ingene bashobora kubaho ubuzima bwubaha Imana. 2 Ukwo kuri kubaha gushira amazinda bakamenya ko bafise ubugingo budashira, ubwo Imana idashobora kubesha yabasezeraniye n’imbere y’uko isi ibaho. 3 Kandi muri iki gihe yahishuye ijambo ryayo biciye mu butumwa nahawe gushikiriza umuntu wese, ndabitumwe n’Imana umukiza wacu.
4 Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye:
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.
5 Icatumye ndagusiga i Kireti kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’Ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikubwiye. 6 Umurongozi w’Ishengero ategerezwa kuba ari inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji. 7 Umurongozi w’Ishengero ajejwe kuritunganya neza. Ni co gituma akwiye kuba ari inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone canke umuntu atwarwa n’ishavu. Ntakwiye kandi kuba ari umuntu aborerwa, atongana canke arondera ubutunzi mu nzira mbi. 8 Ariko akwiye kuba uwukunda kwakira ingenzi i muhira iwe, akunda kugira neza, aganza ingeso ziwe, agororoka, yejejwe kandi yirinda. 9 Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.
10 Kuko hari abantu benshi b’abagarariji, bavuga ibitagira ikimazi kandi babesha, kandi no mu bakebwe bakaba barimwo. 11 Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi. 12 N’umwe mu bavugishwa babo yaravuze ati: "Abanyakireti bama babesha: ni ibikoko vy’inkazi, ni ibinebwe n’abakunzi b’inda." 13 Ivyo avuga ni vyo. Ni co gituma ukwiye kubihanikiriza ushimitse, kugira ngo bakomezwe mu kwizera kw’ukuri. 14 Ntibasubire gutega amatwi imigani y’Abayuda, canke amabwirizwa y’abataye ukuri. 15 Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye. 16 Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko atayo bazi. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.