Publicidade

Tito 2

Gukora ivyiza ku bw’Ubutumwa Bwiza

1 Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri. 2 Wigishe abatama kutarenza urugero mu kintu na kimwe, kuba inyankamugayo, kuganza ingeso zabo, kuba bazima mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana.

3 Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza. 4 Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo, 5 kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.

6 Abakiri bato na bo ubahimirize kuganza ingeso zabo. 7 Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigirwa no kudafata ibintu minenegwe. 8 Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.

9 Wigishe abagurano kwubaha ba shebuja muri vyose, barondere kubanezereza, birinde kubahaririza, 10 kandi ntibabibe, ariko berekane ko bashobora kuba abizigirwa rwose; gutyo bazotuma inyigisho z’Imana, yo Mukiza wacu, zirukirwa n’abantu mu buryo bwose.

11 Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. 12 Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe, 13 turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa. 14 Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.

15 Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimirize kubikora kandi ukosore abatabikora, wishimikije ububasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugukengera.

Veja também

Publicidade
Tito
Ver todos os capítulos de Tito
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-