Publicidade

2 Timóteo 4

1 Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe: 2 wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, wihanize abari mu bibi, ubatere intege mu kubigisha neza, ugire ukwihangana kwinshi. 3 Kuko mu gihe kigiye kuza abantu ntibazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Ahubwo bazokwirundaniriza abigisha bababwira ivyo amatwi yabo yipfuza kwumva gusa. 4 Bazokwanka kwumva ukuri, bahindukirire imigani. 5 Ariko weho, ugire ubwenge mu bihe vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse igikorwa cose Imana yaguhamagariye.

6 Nayo jewe, ndi hafi yo gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa; igihe canje co kugenda kiri hafi. 7 Nagwanye intambara nziza, ndarangije urugendo, nazigamye ukwizera. 8 Ubu ndindiriye urugori rwo kugororoka, urwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri urya musi. Kandi ntazoruha jewe jenyene, azoruha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.

Gusozera

9 Gerageza uzoze kundaba vuba, 10 kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko akunze ivy’iyi si. Kiresensi yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya. 11 Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje. 12 Tukiko namurungitse muri Efeso. 13 Niwaza uzonzanire ikoti y’imbeho nasize kwa Karupo i Tirowa, n’ibitabu vyanje, na canecane ivy’imizingo.

14 Alegizandere umucuzi yarambabaje cane. Umwami Imana amwishure ibihwanye n’ivyo yankoreye. 15 Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha.

16 Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko. 17 Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Kandi Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe. 18 Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.

Intasho

19 Untahirize Pirisila na Akwilasi, n’abo mu muryango wa Onesiforo.

20 Erasito yasigaye i Korinto, kandi nasize Tirofimo agwariye i Mileto. 21 Wigore uzoshike hano imbere y’igihe c’imbeho nyinshi cane.

Yeburusi, Pudensi, Linusi, Korodiya hamwe n’abandi bene Data bose barabaramutsa.

22 Umwami Imana abane n’impwemu yawe, kandi ubuntu bwiwe bubane namwe mwese.

Veja também

Publicidade
2 Timóteo
Ver todos os capítulos de 2 Timóteo
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-