1 Umenye neza ibi: mu misi ya nyuma hazoba ibihe bigoye. 2 Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ikintu na kimwe cejejwe. 3 Urukundo rwabo ruzotimba, ntibazoshobora guharira, bazovuga nabi, bananirwe kuganza ingeso zabo, bazoba bateye ubwoba, banka iciza cose. 4 Bazoba buzuye ubuhemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana. 5 Bazoba bigira abagororotsi ariko bahakana aho ubushobozi bwo kugororoka buva. Uze wame witandukanye n’abantu nk’abo.
6 Bamwe muri bo banyengetera mu mazu bagahenda abagore b’abanyantegenke baremerewe n’ivyaha, baganzwa n’ivyipfuzo vyabo, 7 bama bakurikira inyigisho nshasha zose, ariko batigera bashika ku kumenya ukuri. 8 Nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose, ni ko n’abo bantu bagwanya ukuri. Ubwenge bwabo bwarononekaye, kandi mu kwizera kwabo barazimiye. 9 Ariko nta ho bazoshika, kuko nk’uko vyagenze kuri Yane na Yambure ubupfu bwabo umusi umwe buzoja ahabona.
10 Ariko wewe urazi ivyo nigisha n’ukuntu nigenza, n’igituma nkora ivyo nkora. Urazi ukwizera kwanje n’ukwihangana kwanje, urukundo rwanje n’ugushikama kwanje. 11 Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza. 12 Mu vy’ukuri, umuntu wese ahisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa. 13 Ariko abanyakibi bazoshishikara kuja kure mu bibi vyabo. Bazokomeza kuzimira kandi bazozimiza benshi. 14 Ariko weho, wumire ku vyo wigishijwe ukavyakira. Urazi ko ari ivy’ukuri, kandi urazi uwabikwigishije. 15 Kandi kuva mu bwana bwawe, waramenye Ivyanditswe Vyera, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu. 16 Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, 17 kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.