Publicidade

2 Timóteo 2

Pawulo asubira guhanura Timoteyo

1 None rero na we, mwana wanje, ugirire inkomezi mu buntu turonkera muri Kristo Yesu. 2 Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi. 3 Wifatanye nanje mu kwihanganira imibabaro, nk’umusoda mwiza wa Kristo Yesu. 4 Nta wahawe kuba umusoda abandanya yivanga mu vy’ubuzima busanzwe ashobora guhimbara umukuru wiwe. 5 Ni co kimwe n’umunonotsi, ntashobora koronka agashimwe kiretse yahiganywe akurikije amategeko. 6 Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe. 7 Ufate akanya wiyumvire ku vyo ndiko ndakubarira, Umwami Imana azoguha gutahura muri vyose.

8 Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa, 9 gushika n’aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiriboshwe. 10 Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.

11 Iri jambo ni iryo kwizera:

"Nitwapfana na we,

tuzobana bazima na we.

12 Nitwihangana,

tuzoganzanya na we.

Nitwamwihakana,

na we azotwihakana.

13 Naho tutoba abizigirwa,

we aguma ari umwizigirwa,

kuko ntashobora kwivuguruza."

Ivy’abigisha b’ibinyoma

14 Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiriza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharira ivyerekeye amajambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva. 15 Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri. 16 Wirinde ibiyago vy’ubupfu, kuko abavyamamwo bibatwara mu kutubaha Imana. 17 Inyigisho zabo zikwiragira nk’ingwara ya kanseri mu mubiri. Muri bo harimwo Humenayo na Fileto. 18 Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze bagasambura ukwizera kwa bamwe. 19 Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: "Uhoraho arazi abiwe"; kandi ngo: "Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya."

20 Mu nzu nini itunze, ntihabamwo gusa ibikoresho bikozwe mu nzahabu canke mw’ifeza gusa, habamwo n’ibikozwe mu biti, no mw’ibumba. Kandi bimwe vyagenewe gukoreshwa ivy’icubahiro, ibindi na vyo vyagenwe gukoreshwa ibikorwa bisanzwe. 21 Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguriwe gukora igikora ciza cose.

22 Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanye n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye. 23 Wirinde ibihari vy’ubupfu ata kindi bishikanako atari imitongano. 24 Kandi umukozi w’Imana ntakwiye kuba mu mitongano, ahubwo agira ubugwaneza kuri bose, akaba ushoboye kwigisha, no kwihanganira abanyabihari. 25 Abamugwanya abigishanya ubugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana no kubashikana ku kumenya ukuri, 26 maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, yabagize imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.

Veja também

Publicidade
2 Timóteo
Ver todos os capítulos de 2 Timóteo
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-