Pular para o conteúdo
Publicidade

Livro da vida

Por Bíblia Online

O Livro da Vida é o registro celestial dos nomes daqueles que pertencem a Deus. Estar escrito no Livro da Vida é a garantia da salvação eterna e da entrada na Nova Jerusalém.

Registrados no céu

Alegrai-vos por terem vossos nomes escritos nos céus. O Livro da Vida pertence ao Cordeiro de Deus desde a fundação do mundo.

Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru."

Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.

Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.

Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.

O juízo final

No dia do julgamento, os livros serão abertos. Quem não for encontrado no Livro da Vida será lançado no lago de fogo.

Abapfuye bacirwa urubanza

Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka. Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu. Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese acirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze. Maze rupfu na kuzimu bitererwa mu kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri. Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.

Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.

Ibihe vy’iherezo

Maze ico gihe, Mikaheli, umumarayika ahambaye w’ubwoko bwawe, azohaguruka. Hanyuma hazoba ibihe vy’umubabaro bikomeye kurusha ivyigeze kubaho kuva amahanga abayeho. Ariko, muri ico gihe, uwo mu bwoko bwanyu azoba yanditswe mu gitabu c’Imana azorokoka. Benshi mu bari mu mva bapfuye, bazozuka, bamwe bazozukira ubugingo budashira, abandi na bo bazukire ibimaramare n’ibiteterwe vy’ibihe bidashira.

Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.

O registro divino

Deus registra cada vida, cada lágrima e cada momento. Nada passa despercebido diante daquele que tudo vê e tudo guarda.

Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;

imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe

imbere yuko habaho n’umwe.

Ibuka amagorwa yanje;

andika amosozi yanje mu gitabu cawe;

mbega ntiwayanditse?

Kuko bababaje abo wewe wakomerekeje

bongereza umubabaro ku bo wababaje.

Bacire urubanza ku bibi vyose bakoze;

ntibagire ico baronka kivuye ku kugororoka kawe.

Bahanagurwe mu gitabu c’ubugingo

ntibashirwe mu gitigiri c’abagororotsi.

Amasigarira y’abizigirwa

Maze abubaha Uhoraho baraganira, Uhoraho na we yumviriza ivyo bavuga. Igitabu c’icibutso gica candikirwa imbere yiwe, candikwamwo amazina y’abo bose bubaha Uhoraho, bagahesha icubahiro izina ryiwe.

Ariko noneho ndakwinginze ubaharire icaha cabo, atari uko na ho uhanagure izina ryanje mu gitabu wanditse."

Uhoraho yishura Mose ati: "Oya, uwancumuyeko ni we nzohanagura izina ryiwe mu gitabu canje.

Seja o primeiro

Este artigo te tocou? Faça uma oração!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.