Pular para o conteúdo
Publicidade

Salmos 56

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa "Inuma iri ku Kivumu nca kure." Ni mikitamu ya Dawidi. Ni igihe Abafilisitiya bari bamufatiye i Gati.

1 Ngirira imbabazi, Mana yanje,

kuko abansi banje bampiga cane;

barampiga bukarinda bwira.

2 Abangwanya barampiga bukarinda bwira;

ni benshi bampigana ubwibone bwabo.

3 Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.

4 Nshimira Imana ivyo yasezeranye.

Imana ni yo nizigira singire ubwoba.

Mbe abantu buntu bongira iki?

5 Bagoreka amajambo yanje bukarinda bwira;

nta kindi barota atari ukunyica.

6 Bagira inama, bakangenza,

bagenzura intambuko zanje,

bashaka kunyica.

7 Kubera ibibi vyabo ntubareke ngo bagende uko;

Mana, utsinde hasi amahanga mu burake bwawe.

8 Ibuka amagorwa yanje;

andika amosozi yanje mu gitabu cawe;

mbega ntiwayanditse?

9 Aho ni ho abansi banje bazosubira inyuma

ninatabaza.

Aho ni ho nzomenyera ko Imana iri mu ruhande rwanje.

10 Imana, iyo nshimira amajambo yayo,

Uhoraho, uwo mpimbaza ijambo ryiwe;

11 Imana ni yo nizigira maze singire ubwoba.

Mbega umuntu yoshobora kungira iki?

12 Naragusezeraniye Mana yanje;

nzogushikanira ikimazi c’ishimwe.

13 Kuko wantabaye ukankura mu rupfu

n’ibirenge vyanje ukabirinda gutsitara,

kugira ngo nze ngendere imbere y’Imana

mu muco w’ubugingo.

Veja também