1 Ntunezerwe, Isirayeli;
ntutwarwe n’akanyamuneza nk’ayandi mahanga.
Kuko wahemukiye Imana yawe;
ugakunda ingero igererwa maraya
usenga ibigirwamana ku mbuga yose yo kugosorerako.
2 Ku bw’ivyo, imbuga zo kugosorerako
n’amato yo kuganiramwo ntibizoshobora kugaburira abantu;
umutobe musha nta wo bazobona.
3 Ntimuzoguma mu gihugu c’Uhoraho;
Efurayimu azosubira muri Egiputa
kandi azorya ivyokurya bihumanye vyo muri Ashuri.
4 Ntibazosukira Uhoraho ishikanwa ry’umuvinyu,
canke ngo ibimazi vyabo bimuhimbare.
Ibimazi nk’ivyo bizobabera nk’ivyokurya vy’abagandaye;
abazobirya bose bazoba bahumanye.
Ivyo ni vyo bizoba ivyokurya vyabo ubwabo;
ntibizoza mu Ngoro y’Uhoraho.
5 Mbega muzokora iki ku misi mikuru yanyu yashinzwe,
ku misi mikuru y’Uhoraho?
6 Naho bokira gutikiza kwa Ashuri,
Egiputa izobegeranya,
Memfisi na yo izobahamba.
Ubutunzi bwanyu bw’ifeza buzorengerwa n’imikere,
amahwa na yo azomera mu mahema yanyu yasanganguwe.
7 Imisi yo guhana Isirayeli iraje,
imisi yo kugerera umuntu iri hafi.
Abisirayeli nimubimenye.
Kuko ivyaha vyanyu ari vyinshi cane
n’ubwansi bwanyu bukaba bwinshi.
Uwuvugishwa n’Imana mumufata nk’ikijuju,
kandi uwuhumekerwa nanje mumufata nk’umusazi.
8 Uwuvugishwa n’Imana ari kumwe n’Imana yanje,
ni umuteramyi ateramiye Efurayimu,
ariko mwamuteze imitego mu nzira ziwe acamwo,
n’ubwansi mu nzu y’Imana yiwe.
9 Mwinjiye i bwina mu bibi,
nko mu misi ya Gibeya.
Imana izokwibuka ibibi vyabo,
yongere ibahanire ivyaha vyabo.
10 "Aho natora Isirayeli,
kwari nk’ugutora inzabibu mu bugaragwa;
aho nabona ba sogokuruza banyu,
kwari nk’ukubona ivyamwa vyeze imbere y’ibindi ku musukoni.
Ariko bashitse i Bayali-Peyori,
bifatanije na ca kigirwamana Bayali giteye isoni
baca baba abo kwankwa urunuka nk’ico kintu bari bifatanije.
11 Ubwiza bwa Efurayimu buzoguruka nk’inyoni,
nta kuvuka, nta gutwara inda, nta n’ugusama inda.
12 Kandi naho boronka abana,
nzobahonya bose nta wuzosigara.
Bazoba bagowe
aho nzobaterera ibitugu!
13 Nabonye Efurayimu, hameze nk’i Tiro,
hasharijwe nk’ahantu h’igikundiro.
Ariko Efurayimu we azosohokana hanze
abana biwe ngo batemagurwe."
14 Ewe Uhoraho, bahe,
mbega wobaha iki?
Bahe inda zisamwa ariko zigakoroka
n’amabere atagira amaberebere.
15 "Kubera ibibi vyabo vyose bakoreye i Gilugali,
aho ni ho nabankiye.
Kubera ibikorwa vyabo bibi,
nzobasohora bamvire mu nzu.
Sinzosubira kubakunda;
abatware babo bose ni abagarariji.
16 Efurayimu ararashwe,
imizi yiwe irakabiranye,
kandi ntibazokwama ivyamwa.
Naho bovyara abana,
nzokwicisha inkota uruvyaro rwabo bakunda cane."
17 Imana yanje izobaheba
kuko batamwumviye;
bazoba inyererezi mu mahanga.