Publicidade

Oséias 2

1 Kuri uwo musi, muzokwita abavukanyi banyu: ‘Bantu banje,’ na bashiki banyu: ‘Bakundwa banje.’

Uguhanwa kwa Isirayeli no gusubira kubabarirwa

2 Ihanize nyoko wawe, mwihanize,

kuko ntakiri umugore wanje,

kandi nanje sinkiri umugabo wiwe.

Niyiyambure ibimenyetso vy’ubusambanyi mu maso hiwe

hamwe n’ivy’ubuhemu mu mabere yiwe.

3 Bitabaye uko nzomwambura impuzu asigare ari gusa;

nzomusiga uko yaremwe, nk’uko yari ku musi w’amavuka;

nzomugira nk’ubugaragwa,

nzomuhindura nk’isi yumye,

ndamwicishe inyota.

4 Sinzokwereka urukundo abana biwe,

kuko ari abana bavuye mu busambanyi.

5 Nyina wabo yarampemukiye aba maraya,

kandi yabatwaye inda mu buryo buteye isoni.

Yaravuze ati: ‘Nzokurikira abo nikundiye,

bampa ivyokurya n’amazi,

impuzu z’ubwoya n’izera derere nziza,

bampa amavuta ya elayo n’ivyo kunywa.’

6 Nuko rero nzozibiza inzira yiwe amahwa;

nzomwubakira uruzitiro abure inzira.

7 Azokurikira abo akunda ariko ntazobashikira;

azobarondera ariko ntazobabona.

Maze mu nyuma azovuga ati:

‘Reka nsubire ku mugabo wanje wa mbere,

kuko igihe nari nkiri kumwe na we nari merewe neza kurusha ubu.’

8 Ntiyigeze amenya ko ari jewe

namuha ingano, umuvinyu musha n’amavuta ya elayo,

nkamusukako ifeza n’inzahabu;

ivyo baca bakoresha mu gushikanira Bayali.

9 Ni co gituma nzotwara ingano zanje mw’iyimbura ryazo,

n’umuvinyu musha wanje mu gihe cawo.

Nzotwara impuzu zanje z’ipampa n’izera derere nziza,

ivyo nari namuhaye ngo ahishe ubwambure bwiwe.

10 Ni co gituma ngiye gushira ahabona ibiterasoni vyiwe,

imbere y’amaso y’abo yikundira;

nta n’umwe azomunkura mu maboko.

11 Nzoshira iherezo ku misi mikuru yiwe yose:

imisi mikuru y’umwaka, iy’imboneko z’ukwezi,

n’iy’amasabato yiwe, imisi mikuru yiwe yose yashinzwe.

12 Nzoherengeteza imizabibu n’imisukoni yiwe,

ivyo yavuze ko ari impembo yahawe n’abo yikundiye;

nzohahindura nk’igisaka,

kandi ibikoko vyo mw’ishamba bizoza kukirisha.

13 Nzomuhanira imisi

yamaze aturirira ibimota neza Bayali;

akisakara ivyo kwishariza vyose vy’impeta n’utubuyenge,

maze akiruka inyuma y’abo yikundiye,

ariko jewe akanyibagira,"

ni ko Uhoraho avuze.

14 "Naho biri uko, ubu ngiye kumwiyegereza;

ndamujane mu bugaragwa

ndamuganirize n’ubugwaneza.

15 Aho ni ho nzomusubiriza ya mizabibu yiwe,

kandi nzohindura ca kiyaya ca Akori c’imibabaro

gicike umuryango ujana mu vyizigiro.

Aho ni ho azokwongera kunyishikanira

nk’uko yari yarabikoze kera mu misi yo mu buto bwiwe,

ca gihe namubohora ari mu buja bwa Egiputa.

16 Kuri uwo musi, ni ko Uhoraho avuze,

uzompamagara uti: ‘Mugabo wanje!’

Ntuzosubira kumpamagara ngo: ‘Databuja!’

17 Nzokura mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali;

kandi amazina yazo ntazosubira kwambazwa.

18 Kuri uwo musi nzosezerana isezerano ku bwabo

nsezerane n’ibikoko vyo mw’ishamba, n’inyoni zo mu kirere

hamwe n’ibikwega inda kw’isi kugira ngo ntibigire ico bibagira.

Umuheto n’inkota n’intambara

nzobikura mu gihugu,

kugira ngo bose bashobore kuryama mu mutekano.

19 Nzokwiyegereza umbere umugore w’ibihe bidashira;

nzokwiyegerezanya ubugororotsi n’ubutungane,

mfise urukundo n’impuhwe.

20 Nzokwiyegerezanya ubwizigirwa,

nawe amaherezo uzomenya ko ndi Uhoraho.

21 Kuri uwo musi nzokwishura,

ni ko Uhoraho avuze,

nzokwishura amajuru asaba ibicu,

na yo azokwishura isi isaba imvura;

22 maze isi na yo izokwishura ingano,

umuvinyu musha n’amavuta,

na vyo bizokwishura Yezireyeli.

23 Nzomuteragira mu gihugu abe uwanje;

nzokwereka urukundo uwo nabwiye nti: ‘Sindagukunda.’

Abo nita ngo: ‘Si abantu banje’

nzobabwira nti: ‘Muri abantu banje’;

na bo bazovuga bati: ‘Uri Imana yacu.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-