1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri igihe abami Uziya, Yotamu, Ahazi na Hezekiya, bakurakuranwa ku ngoma i Buyuda, Yerobowamu mwene Yowashi na we ari umwami w’Abisirayeli:
2 Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya, yamubwiye ati: "Genda urongore umugore w’umumaraya, kugira ngo uvyarane na we abana, kuko kurya umugore w’umusambanyi ahemuka, ni ko n’iki gihugu cahemukiye Uhoraho mu gusenga ibigirwamana." 3 Nuko Hoseya aragenda arongora Gomeri, umukobwa wa Dibulayimu, asama inda avyarana na we umuhungu.
4 Maze Uhoraho abwira Hoseya, ati: "Mwite Yezireyeli, kuko nzohana vuba ubwami bukomoka kuri Yehu kubera ubwicanyi yakoreye i Yezireyeli, nongere ndandure n’ubwami bwa Isirayeli. 5 Kuri uwo musi nzovuna umuheto ari zo nkomezi za Isirayeli mu kiyaya c’i Yezireyeli."
6 Gomeri yongera gusama inda avyara umukobwa. Uhoraho abwira Hoseya ati: "Mwite Lo-Ruhama, kuko ntazokwongera gukunda inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya. 7 Ariko nzokunda inzu ya Yuda; kandi nzobakiza ntabakirishije umuheto, inkota canke intambara, canke amafarasi canke abagendera ku mikogote, ariko Jewe Uhoraho Imana yabo nzobakiza."
8 Amaze gucutsa Lo-Ruhama, Gomeri arongera asama inda, avyara uwundi muhungu. 9 Maze Uhoraho aravuga ati: "Mwite Lo-Ami, kuko Isirayeli ntimuri abantu banje, kandi nanje sindi Imana yanyu.
10 Ariko Abisirayeli bazoba nk’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga, udashobora guharurwa canke gupimwa. Kandi mu kibanza babwiriwemwo ngo: ‘Ntimuri abantu banje,’ ni ho bazobwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana Nzima.’ 11 Abantu ba Yuda n’abantu ba Isirayeli bazosubira kuja hamwe, bashireho umuntu umwe wo kubarongora kandi bazosohoka bave mu gihugu barimwo nk’inyagano, kuko uwo musi wa Yezireyeli uzoba umusi uhambaye.