Publicidade

Daniel 12

Ibihe vy’iherezo

1 Maze ico gihe, Mikaheli, umumarayika ahambaye w’ubwoko bwawe, azohaguruka. Hanyuma hazoba ibihe vy’umubabaro bikomeye kurusha ivyigeze kubaho kuva amahanga abayeho. Ariko, muri ico gihe, uwo mu bwoko bwanyu azoba yanditswe mu gitabu c’Imana azorokoka. 2 Benshi mu bari mu mva bapfuye, bazozuka, bamwe bazozukira ubugingo budashira, abandi na bo bazukire ibimaramare n’ibiteterwe vy’ibihe bidashira. 3 Abagize ubwenge bazokwakaka nk’umuco wo kw’ijuru, kandi abashikanye benshi ku kugororoka bazokwakaka nk’inyenyeri ibihe bidashira. 4 Ariko, wewe Daniyeli, igitabu c’ubu buhanuzi ukigire ibanga, ucugare kugeza igihe c’iherezo gishitse. Abantu bazoja hirya no hino kugira ngo barondere kugwiza ubumenyi."

5 Maze, Jewe Daniyeli, ndongera ndaraba, mbona imbere yanje hari abandi bantu babiri bahagaze ku yindi nkombe y’uruzi, umwe ari ku nkombe yo hakuno, uwundi ari ku yo hakurya. 6 Umwe muri bo, abaza wa wundi yari yambaye impuzu zikayangana kandi yari ahagaze hejuru ku mazi y’urwo ruzi, ati: "Mbega hazoca igihe kingana iki kugira ngo ivyo bintu bikomeye gutyo bishike?"

7 Uwo muntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze hejuru y’uruzi, atumbereza amaboko yiwe yose mw’ijuru, aca arahira Iyibaho ibihe bidashira, avuga ati: "Bizomara igihe, ibihe, n’igice c’igihe. Igihe inkomezi z’ubwoko bw’Imana zizoba zirangiye, n’ivyo vyose bizoba biheze."

8 Numva ivyo avuze, ariko sinabitahura, hanyuma nca ndabaza nti: "Mwami wanje, ivyo vyose bizorangira gute?"

9 Aca aranyishura ati: "Daniyeli, niwigire kuko ayo majambo azoguma ari ibanga rihishijwe kugeza igihe c’iherezo. 10 Benshi bazotunganywa, bezwe kandi batyororwe n’ivyo bihe vy’imibabaro. Ariko abanyakibi bo bazokomeza gukora ibibi, kandi nta n’umwe muri bo azogira ico atahura. Abagize ubwenge bonyene ni bo bazobitahura.

11 Kuva bahagaritse gutanga ikimazi gitangwa ku musi kandi ikizira gihumanya kigashingwa ngo gisengwe, hazoba hasigaye imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo icenda. 12 Bazoba bahiriwe abantu bazoshobora kurindira gushika ku musi ugira igihumbi n’amajana atatu na mirongo itatu n’itanu.

13 Wewe Daniyeli, komeza ube umwizigirwa gushitsa kw’iherezo. Uzoruhuka, hanyuma ku mpera y’ibihe, uzovyuka kugira ngo uhabwe impera yawe wateguriwe."

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-