1 Umwami Nebukadineza yacurishije igishusho mu nzahabu gifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itandatu z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke, hanyuma ategeka ko bagishinga mu kiyaya c’i Dura, mu ntara ya Babiloni. 2 Aca ahamagaza abaganwa biwe, abatware, abacamanza, abanyabigega n’abandi batware bose bo mu ntara, ngo baze ku musi mukuru wo gushikiriza abantu ico gishusho yashinze. 3 Nuko abaganwa biwe, abatware, abacamanza, abanyabigega n’abandi batware bose bo mu ntara baraza, bahagarara imbere y’ico gishusho.
4 Hanyuma, uwujejwe ivyo birori aca arasemerera cane n’ijwi rirengera avuga ati: "Yemwe bantu bo mu mahanga yose, indimi zose, n’amoko yose, ng’ibi ivyo mutegerezwa gukora: 5 Mucumva inzamba, imyironge, ikembe, inanga, imiduri n’ibindi bikoresho vyose bicurarangwa, bisamiranye, muce mwikubita hasi mwubamye, kugira ngo musenge ico gishusho c’inzahabu umwami Nebukadineza yashinze. 6 Umuntu wese ataja kwikubita hasi ngo asenge ico gishusho, aca afatwa atererwe mw’itanure ry’umuriro uhinda."
7 Maze, abo mu mahanga yose n’indimi zose n’amoko yose bumvise amajwi y’ivyo bicurarangisho, baca bikubita hasi imbere y’ico gishusho baragisenga, ico umwami Nebukadineza yari yahagaritse.
8 Ivyo biheze, bamwe mu baragurisha kuraba inyenyeri baca baja kuraba umwami ngo bamubwire ivyerekeye Abayuda banse kwikubita imbere y’ico gishusho. 9 Babwira umwami bati: "Umwami aragahora ku ngoma ibihe vyose! 10 Nyeningoma, wari watanze itegeko ribwira abantu bose ko bacumva amajwi y’inzamba, imyironge, imiduri, amakembe n’ibindi bicurarangisho baca bapfukamira igishusho washinze bakagisenga. 11 Kandi itegeko ryawe rivuga ko uwutumvira iryo tegeko aca atabwa mw’itanure ry’umuriro uhinda. 12 Ariko rero, Nyeningoma, hariho Abayuda bamwe, ari bo Shadarake, Meshake na Abedinego, abo wahaye gutwara intara y’i Babiloni, batakwubaha na gatoya. Banse gusaba imana zawe kandi ntibemera gusenga igishusho cawe c’inzahabu wahagaritse."
13 Maze umwami Nebukadineza ararakara cane, ategeka ko bazana ningoga Shadarake, Meshake, na Abedinego. Baca barabazana. 14 Arababaza ati: "Ni ivy’ukuri ga Shadarake, Meshake, na Abedinego ko mwanse gukorera imana zanje no gusenga igishusho c’inzahabu nahagaritse? 15 Ubu rero, mukimara kwumva amajwi y’inzamba, imyironge, amakembe, inanga, n’imiduri n’ibindi bicurarangisho vyose, muce mupfukama musenge ico gishusho. Mutabikoze, muca mutererwa mw’itanure ry’umuriro uhinda. Mbega ni iyihe mana yoshobora kubakura mu kuboko kwanje?"
16 Shadarake, Meshake, na Abedinego baramwishura bati: "Nyeningoma Nebukadineza, ntibikenewe ko twisigura kuri ivyo. 17 Nimba duterewe mw’itanure ry’umuriro uhinda, Imana dukorera irashobora kuturokora muri iryo tanure ry’umuriro uhinda, kandi iraturokora idukure mu bubasha bwawe, Nyeningoma. 18 Ariko n’aho itobikora, twagomba tukumenyeshe neza, Nyeningoma ko tudashobora gukorera imana zawe kandi ko tudashobora gusenga igishusho c’inzahabu washinze."
19 Nebukadineza arakarira cane Shadarake, Meshake, na Abedinego, mu maso hiwe harahinduka, aca ategeka ko bacanira itanure incuro indwi kurusha uko ryahora 20 hanyuma aca ategeka abasoda biwe bakomeye gufata Shadarake, Meshake, na Abedinego, kubaboha no kubaterera muri iryo tanure ry’umuriro uhinda. 21 Nuko barabafata babaterera muri iryo tanure ry’umuriro bambaye amakanzu, amapantaro, imyitwikiro n’ibindi vyo gushaza. 22 Kandi kubera yuko umwami mu burake bwiwe yategetse ko itanure baricanira incuro indwi kurenza uko ryahora, imbeya z’umuriro w’iryo tanure ziturira abasoda bagiye guterera Shadarake, Meshake, na Abedinego muri ryo. 23 Abo bagabo batatu, uko nyene baboshwe, bagwa muri iryo tanure ry’umuriro uhinda.
24 Mu nyuma, umwami Nebukadineza aca ava hasi atangaye cane, abaza abahanuzi biwe ati: "Mbega harya abantu twaboshe tugaterera mw’itanure si batatu?"
Baramwishura bati: "Egome, ni uko Nyeningoma."
25 Aca avuga ati: "Raba! Jewe mbonayo abantu bane bagendagenda mu muriro, bataboshe kandi ata na kimwe babaye, kandi uwugira kane asa n’umwana w’imana!"
26 Nebukadineza aca aragenda yegera ku muryango w’iryo tanure hanyuma arasemerera cane ati: "Shadarake, Meshake, na Abedinego, basavyi b’Imana Musumbavyose, nimusohoke! Nimuze hano!"
Shadarake, Meshake, na Abedinego baca barasohoka bava muri iryo tanure. 27 Abaganwa biwe, abajejwe urugo rwiwe, abatware n’abahanuzi biwe bose baraza barabashengerera. Baravye basanga umuriro ntiwigeze ubaturira na gatoya, ndetse n’umushatsi wabo nta co wigeze uba, impuzu zabo ntizahiye kandi babimotereje basanga nta n’umwotsi banuka.
28 Maze Nebukadineza aca avuga ati: "Imana ya Shadarake, Meshake, na Abedinego, iragahezagirwa kuko yarungitse umumarayika wayo gukiza aba basavyi bayo bayizigiye! Banse, kwumvira amategeko yanje, bemera gutanga imibiri yabo ngo iturirwe aho gukorera no gusenga iyindi mana itari Imana yabo. 29 Kuva ubu rero, ntanze iri tegeko ko umuntu wo mw’ihanga iryo ari ryo ryose canke w’ururimi urwo ari rwo rwose, azogira ijambo ribi avuga ku Mana ya Shadarake, Meshake, na Abedinego, azohimbagurwamwo ibihimba, kandi inzu yiwe ihinduke umusaka, kuko nta yindi mana ishobora gukiza nk’uku!"
30 Hanyuma umwami aha icubahiro gikomeye mu kazi kabo Shadarake, Meshake, na Abedinego, mu ntara ya Babiloni.