1 Mu mwaka wa mbere umwami Dariyusi Umumedi mwene Ahasuwerusi, agiye ku ngoma, ngo abe umwami w’i Babiloni, 2 muri uwo mwaka wa mbere w’ingoma yiwe nyene, jewe Daniyeli natahujwe n’ivyo nsomye mw’Ijambo ry’Uhoraho, nk’uko uwavugishwa n’Imana Yeremiya yabihishuriwe, rivuga ko Yerusalemu hazomara imyaka mirongo indwi ari umusaka. 3 Nca mpindukirira Uhoraho Imana, ntangura gutakamba ndayisenga nongera ndayinginga, nisonzesheje, nambaye amagunira kandi nisize iminyota.
4 Nsenga Uhoraho Imana yanje kandi ndatura nti:
"Ewe Uhoraho, Mana nkuru kandi uhambaye, wama ushitsa kandi ukazigama amasezerano y’urukundo ukunda abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe; 5 twaracumuye kandi twakoze ibibi. Twarakugararije ntitwubaha amabwirizwa n’amategeko yawe. 6 Ntitwumviye abakozi bawe ari bo bavugishwa, bavuga mw’izina ryawe babwira abami bacu n’abaganwa bacu, ba sogokuruza hamwe n’abantu bose bo mu gihugu.
7 Ewe Mana, wewe uragororotse, ariko uwu musi twuzuye ibimaramare. Ni ko biri ku Bayuda, ku baba i Yerusalemu no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, iyo bari mu bihugu vyose wabashwiragijemwo bitewe n’ukubura ubwizigirwa imbere yawe. 8 Twebwe n’abami bacu, abaganwa na ba sogokuruza, twese twuzuye ibimaramare kuko twagucumuyeko. 9 Ariko Uhoraho Imana yacu, uri umunyakigongwe none tugirire imbabazi, naho twakugararije. 10 Ntitwumviye Uhoraho Imana yacu, kuko tutakurikiye amabwirizwa yaduhaye biciye ku bakozi biwe ari bo bavugishwa. 11 Abisirayeli bose bararenze ku vyagezwe vyawe, barahindukira, banka kukwumvira.
Ni co gituma imivumo yose hamwe n’imanza zanditswe mu Vyagezwe vy’umusavyi wawe Mose, vyadusutsweko, kuko twagucumuyeko. 12 Washikije ivyo wari waravuze ko uzodukorera twebwe n’abatware bacu mu kudushitsako icago kinini gutya. Kw’isi yose, nta na hamwe higeze haba ivyago nk’ivyabaye i Yerusalemu. 13 Nk’uko vyanditswe mu Gitabu c’Ivyagezwe vya Mose, ibi vyago vyose vyadushitseko, ariko ntitwigeze turondera ukugirirwa neza n’Uhoraho Imana yacu mu guhindukira no mu kuva mu vyaha vyacu tugashira umutima ku kuri kwayo. 14 Wewe Uhoraho ntiwatevye kutuzanako ibi vyago kuko wewe Uhoraho Imana yacu ugororotse mu vyo ukora vyose; natwe tukaba twaranse kukwumvira.
15 Uhoraho Mana yacu, wewe wakuye abantu bawe muri Egiputa ukoresheje ukuboko kwawe kw’inkomezi, ukironkera izina ryama ryibukwa kugeza uyu musi, twaragucumuyeko, twakoze ibibi. 16 Ewe Mana, mu gukomeza ibikorwa vyawe vy’ukugororoka, kura ishavu ryawe n’uburake bwawe kuri Yerusalemu, igisagara cawe, umusozi wawe watoranije. Ivyaha vyacu hamwe n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza vyatumye Yerusalemu n’abantu bawe, bashinyagurirwa n’abahakikuje bose.
17 Ewe Uhoraho Mana yacu, wumve ugusenga n’ukwinginga kw’umusavyi wawe. Ku bw’icubahiro cawe Mana, rabana imbabazi urusengero rwawe rwahindutse umusaka. 18 Ewe Mana yacu, tega ugutwi unyumve. Utereze inyonga zawe witegereze ukuntu igisagara citirirwa izina ryawe casanganguwe. Ntitugutakambiye kubera tugororotse, ahubwo ni kubera imbabazi zawe ari nyinshi. 19 Uhoraho utwumvirize! Uhoraho utubabarire. Ewe Uhoraho, niwumve wongere ukore! Ku bw’icubahiro cawe, ntutebe, ewe Mana, ku bw’abantu bawe n’igisagara cawe vyitirirwa izina ryawe."
20 Nkiriko ndavuga nongera nsenga, natura ivyaha vyanje n’ivyaha vy’ubwoko bwanje bw’Abisirayeli, nsaba Uhoraho Imana yanje nsabira umusozi wayo wejejwe, 21 nkiriko ndasenga, Gaburiyeli, umwe nari nabonye mw’iyerekwa rya mbere, aza aho ndi anyaruka, hari nk’igihe co gutanga ikimazi co ku mugoroba. 22 Arambarira ati: "Daniyeli, nzanywe no kukwungura ubwenge no kugufasha gutahura." 23 Kuva ugitangura gusenga, hatanzwe itegeko ari na ryo rinzanye, kuko uri uw’igiciro mu nyonga z’Imana. Wumvirize neza kugira ngo ushobore gutahura ico ivyo weretswe bivuga.
24 Igihe kingana n’amayinga mirongo indwi y’imyaka, ni co cashinzwe ku bw’abantu bawe n’igisagara catoranijwe kugira ngo barangize ubugarariji bwabo, n’ivyaha vyabo bihongerwe, haze ubugororotsi bw’Imana butazoshira, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana hamwe n’ivyo beretswe bishike, hanyuma Ahera Cane h’urusengero hongere hahumanurwe.
25 Ubu rero, umviriza kandi utahure: kuva igihe itegeko ryo gusubira kwubaka Yerusalemu rizosohokera, hazohera amayinga indwi y’imyaka agwije incuro indwi, hanyuma habe ayandi mayinga mirongo itandatu n’abiri y’imyaka, hanyuma haze umurongozi yasizwe amavuta. Igisagara ca Yerusalemu kizokwubakwa hamwe n’amabarabara yaho, mugabo bizokorwa mu bihe bigoye cane. 26 "Inyuma y’ayo mayinga mirongo itandatu n’abiri, uwasizwe amavuta azokwicwa, mu buryo bw’akarenganyo. Inyuma y’aho, ingabo zo mu bwoko bw’umutware w’umunyamahanga azoza zizosangangura igisagara n’urusengero. Umuhero uzoza nk’umwuzure w’amazi, kandi kuva ico gihe intambara n’ivyago bizokomeza kugeza kw’iherezo ry’ibihe. 27 Uwo mutware azoza, azogirana amasezerano n’abantu benshi mu kiringo c’imyaka indwi, ariko ico gihe kigeze hagati, azokuraho ivyo gutanga ibimazi n’amashikanwa. Kugira ngo ibikorwa vyiwe bibi vyuzure, azoshinga mu rusengero ikintu kizira, bitume urusengero ruhumana, bizoguma gutyo kugeza aho iherezo ryiwe rizoshikira nk’uko vyashinzwe."