Publicidade

Daniel 11

1 Kandi mu mwaka wa mbere Dariyusi Umumedi ari ku ngoma, nari kumwe na we ndamutera intege.

Abami bo mu bumanuko n’abo mu buraruko

2 "Ubu rero ngomba ndakumenyeshe ukuri kwose: Hari abandi bami batatu b’Ubuperesi bazoza, hanyuma bakurikirwe n’uwa kane, uwo azoba atunze kubarusha bose. Azokoresha ubutunzi bwiwe kugira ngo ahere umuntu wese yomufasha kugwanya ubwami bw’Abagiriki. 3 Maze hazoca haza umwami akomeye azoganzanya ububasha bwinshi, akore ico agomba cose. 4 Ariko ashitse ku kunengesera kw’ugukomera kw’ubwami bwiwe, ubwo bwami buzosambuka bwigabanyemwo ubwami bune. Abami batamukomokako ni bo bazoganza ubwo bwami, ariko ntibazogira ububasha nk’ubwo yari afise. Kuko iyo ngoma izorandurwa igahabwa abandi.

5 Umwami wo mu bumanuko azokomera, ariko umwe mu ngabo ziwe azomurusha inguvu, ace aganza ubundi bwami bwiwe mu bubasha bwinshi. 6 Inyuma y’imyaka mikeya hazoba amasezerano hagati y’umwami wo mu bumanuko n’umwami wo mu buraruko. Umukobwa w’umwami wo mu bumanuko azorongorwa n’umwami wo mu buraruko kugira ngo bakomeze ayo masezerano. Ariko uwo mukobwa ntazozigama ububasha bwiwe, ndetse n’uwo mwami n’ububasha bwiwe ntibizorama. Azokwicanwa n’uwamuzanye, na se wiwe, hamwe n’uwuzoba amushigikiye.

7 Umwe mu ncuti z’uwo mukobwa azohaguruka asubire mu gishingo c’umwami. Azotegura ingabo, agende asange umwami wo mu buraruko mu bwihisho bwiwe amutsindeho. 8 Asubiye muri Egiputa, azosubiranayo ibigirwamana vyabo hamwe n’ubutunzi bwinshi bw’inzahabu n’ifeza. Inyuma y’imyaka mikeya, azoreka umwami wo mu buraruko. 9 Igihe kanaka giheze, umwami wo mu buraruko azotera ikirimba c’ubwami bwo mu bumanuko, ariko azoca asubira iwe vuba. 10 Abahungu b’umwami wo mu buraruko, bazokwegeranya ingabo zikomeye zizosendanisha nk’umwuzure bagwane kugeza bashitse aho umwansi yihisha.

11 Inyuma y’aho, umwami wo mu bumanuko azohagurukana ishavu ryinshi, yegeranye ingabo nyinshi aje kugwanya za ngabo nyinshi zegeranijwe n’umwami wo mu buraruko, azitsinde. 12 Inyuma y’iyo ntsinzi azogira ubwibone bwinshi, yice ingabo nyinshi z’abansi biwe. Ariko intsinzi yiwe ntizorama. 13 Inyuma y’imyaka mikeya, umwami wo mu buraruko azomanuka afise ingabo nyinshi kandi zifise ibigwanisho kurusha ubwa mbere.

14 Ico gihe, hazoba abantu benshi bahagurukiye umwami wo mu bumanuko ngo bamurwanye, mbere n’abantu b’abagwanyi bo mu bwoko bwawe bazokwifatanya na bo kugira ngo bashitse ivyo iyerekwa ryavuze ariko ntibazobishobora. 15 Mu nyuma umwami wo mu buraruko azoza yugarize igisagara kizitijwe inzitiro z’amabuye, agifate. Ingabo zo mu bumanuko n’ubwo zikerebutse mu kugwana, ntizizoshobora guhagarara imbere yiwe. 16 Umwami wo mu buraruko azogenda umuraramango ata wumugwanya; nta n’umwe azoshobora kumuhagarara imbere. Azohagarara mu gihugu c’ubwiza ca Isirayeli, agomba kugisambura. 17 Azogerageza gushiramwo inguvu z’ubwami bwiwe zose kandi agirane amasezerano n’umwami wo mu bumanuko, amushingire umukobwa wiwe kugira ngo iyo ngoma ayisenyure mu bwenge aciye imbere muri yo, ariko iyo migabo yiwe nta co izoshikako. 18 Inyuma y’ivyo, azohindukirira amazinga kandi yigarurire menshi, ariko umukuru w’ingabo avuye mu kindi gihugu azomucisha bugufi atume asubira iwe amaramara. 19 Ashitse azokwinyegeza mu bwihisho bwiwe, hanyuma atsitare atembe, nta wuzokwongera kumubona.

20 Umusubirizi wiwe azotuma abatozakori kugira ngo ingoma yiwe igumane icubahiro. Ariko, amaze imisi mikeya ku ngoma, azopfa, yamara ntazoba yishwe n’uburake bw’umuntu canke n’intambara.

21 Uwuzoza mu nyuma, azoba ari umuntu akengeretse kandi atari mu nda y’ingoma. Azoza ata wumwiteze kandi afate ingoma akoresheje urwenge n’uruhendo. 22 Ingabo nyinshi zizogwa imbere yiwe, harimwo n’umuganwa wo mu bwoko bufise isezerano. 23 Azokoresha amasezerano menshi arimwo uruhendo. Naho abamushigikiye bazoba ari bake, azoguma akomera. 24 Igihe intara zitunze cane zizoba zibereyeho ata co zinona, azozitera ashitse ivyo ba se canke ba sekuru batigeze bakora. Azofata ubutunzi yasahuye, abugabanganye abamushigikiye. Azogira imigabo yo gusenyura ahari ubwihisho bukomeye, ariko ivyo bizomara igihe gito.

25 Mu nyuma, azokwihagararako yegeranye ingabo zikomeye zo kugwanya umwami wo mu bumanuko, hanyuma uwo na we azoja kumugwanya n’ingabo zikomeye, ariko nta co azoshikako kuko abandi bantu bazomuryaruka. 26 Abantu bo mu nzu y’uwo mwami wo mu bumanuko ni bo bazotuma atemba, ingabo ziwe zishwiragire kandi ingabo nyinshi zizogwa ku rugamba. 27 Abo bami babiri bazokwicarana ku meza bafise imitima ihengamiye ku kibi, maze bahendane; ariko nta kizovamwo kuko iherezo rizoshika igihe cashinzwe gishitse. 28 Umwami wo mu buraruko azosubira iwe afise ubutunzi bwinshi. Ari ku nzira, azosotora abantu bafise isezerano n’Imana, kandi azokwonona vyinshi imbere yo gushika iwe.

29 Igihe gikwiye gishitse, azosubira atere mu bumanuko, ariko ico gihe ibintu ntibizomera nka mbere. 30 Kuko amato y’intambara avuye mu burengero y’i Kitimu azomutera ubwoba, hanyuma abireke asubire iwe. Ariko ishavu ryiwe azorita ku bantu bafitaniye isezerano n’Imana kandi acudike n’abataye iryo sezerano.

31 Ingabo ziwe zizokwigarurira ubwihisho bw’urusengero, bazokwanduza ahera h’urusengero, kandi babuze ko ibimazi vyo ku musi bitangwa, yongere akore ikizira gihumanya urusengero. 32 Azokoresha urwenge n’uruhendo yikwegereko abavuye mw’isezerano ry’Imana. Ariko abantu bazi neza Imana yabo bazokomera kandi bamugwanye.

33 Abarongozi baciye ubwenge bazokwigisha benshi, ariko kandi bamwe bazokwicishwa inkota, abandi baturirwe, abandi na bo bapfungwe bongere banyagwe ivyabo. 34 Muri ivyo bihe vy’ihamwa, nta wuzobatabara, kandi n’abazokwerekana ko bari kumwe na bo bazoba babikora mu buryarya. 35 Mu banyabwenge b’ico gihe, bamwe bazohitanwa n’iryo hamwa. Gutyo bazokwezwa batunganywe kugeza ku gihe c’iherezo, kuko igihe cashinzwe kitarashika.

Umwami yishira hejuru.

36 Umwami azokora ivyo yishakiye, yishire hejuru avuga ko ari agahambaye hejuru y’icitwa imana cose, mbere atuke Imana isumba ivyitwa imana vyose. Azokora ivyo ashaka vyose, ariko kugeza aho igihe cashinzwe ko uburake bumushikako kizoshikira, kuko ivyashinzwe, nta kabuza bizoshika. 37 Ntazokwubaha imana za ba sekuruza, canke imana ikundwa n’abagore canke imana iyo ari yo yose, kuko azokwishira hejuru akavuga ko azisumba zose. 38 Mu gishingo cazo, azosenga imana ikingira ibisagara, imana ba sekuruza batigeze bamenya, azoyishikanira inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro hamwe n’izindi ngabire z’igiciro kinini. 39 Mu kwerekana ko ico kigirwamana camufashije, azotera ahantu hakomeye ho kwihisha. Azoha icubahiro abemeye kumusaba, abashire mu bibanza vy’icubahiro hanyuma abagaburire igihugu nk’impera abahaye.

40 Mu gihe ca nyuma, umwami wo mu bumanuko azotera umwami wo mu buraruko. Umwami wo mu buraruko azomushikako kurya kw’igihuhusi afise imikogote, abagwanira ku mafarasi n’ubwato. Azotera ibihugu vyinshi kandi imbibe zavyo azozirenga kurya kw’uruzi rusheshe. 41 Azoshika mu gihugu c’ubwiza ari co Isirayeli, kandi amahanga menshi azomwikubita imbere, ariko Mowabu, Edomu n’igice kinini c’Abamoni bizomukira. 42 Azokwigarurira ibihugu vyinshi, kandi na Egiputa ntikizomukira. 43 Azoganza inzahabu, ifeza, hamwe n’ubutunzi bwa Egiputa kandi abo muri Libiya n’abo muri Etiyopiya bazomukorera. 44 Ariko inkuru zivuye mu buseruko no mu buraruko zizomutera ubwoba, azoca agira uburake bwinshi agende kugeseza abantu benshi. 45 Azohagarara hagati y’umusozi watoranijwe n’ikiyaga, ahashinge amahema yiwe. Ariko, igihe azoba akiri ngaho, ukubaho kwiwe kuzorangira vuba, kandi nta muntu azoronka wo kumutabara.

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-