1 Umwami Nebukadineza arungika ubu butumwa ati:
Ku mahanga yose n’abantu bavuga ururimi rwose, baba kw’isi yose:
"Amahoro n’iterambere bibe muri mwebwe!"
2 Binteye umunezero kubamenyesha ivyerekeye ibitangaza n’ibimenyetso, n’utwumiza Imana Musumbavyose yankoreye.
3 Mbega ukuntu ibimenyetso vyayo bikomeye;
n’ubushobozi buri mu bitangaza vyayo!
Ubwami bwayo ni ubw’ibihe bidashira;
kandi inganji yayo yamaho uko urunganwe rukurikirana n’urundi.
4 Jewe, Nebukadineza, nari ku kirimba iwanje, nguwe neza kandi nteye imbere. 5 Hanyuma ijoro rimwe ndarota kandi iyo ndoto yanteye ubwoba bwinshi. Nari ndyamye ku buriri bwanje; hanyuma nerekwa ibintu vyandanduye umutima. 6 Maze, nca ntanga itegeko ryo guhamagaza abanyabwenge bose b’i Babiloni ngo baze bambwire ico iyo ndoto ivuga. 7 Igihe abanyamareba, abapfumu, abaragurisha kuraba inyenyeri, abahamagara imizimu baza, nta n’umwe yashoboye kumbwira ico isobanura. 8 Mu nyuma, ni ho Daniyeli ari we Beluteshaza yaza, ansobanurira ivy’iyo ndoto. Iryo zina yarihawe kubera ryegeranye n’izina ry’imana yanje, ariko impwemu y’imana zitagira agasembwa iba muri we.
9 Ndamubwira nti: "Beluteshaza, mukuru w’abapfumu bose, ndazi neza ko impwemu y’imana zitagira agasembwa iri muri wewe kandi ko ata binyegejwe wewe udashobora kumenya. Iyi ni yo ndoto yanje, mbwira rero uko isobanurwa. 10 Igihe nari ndyamye ku buriri bwanje, nabonye igiti kinini cane kiri hagati kw’isi. 11 Ico giti kirakura kiba kinini kandi kiba kirekire, gikora ku bicu ku buryo umuntu wese aho ari kw’isi hose yashobora kukibona. 12 Cari gifise amababi meza n’ivyamwa vyinshi ku buryo abantu bose bashobora kubiryako. Ibikoko vyo mw’ishamba vyaraza bikibera mu gitutu caco, inyoni na zo zikarika mu mashami yaco. Icaremwe cose cashobora kurya ivyamye kuri co.
13 Mu vyo neretswe, nkiryamye kuri ubwo buriri, mbona imbere yanje hari intumwa yejejwe imanutse iva mw’ijuru. 14 Ica ivuga n’ijwi rirenga iti: ‘Icira ico giti, mugikureko n’amashami yaco, mugikunkumure kandi ivyamwa vyaco mubisanzaze, hanyuma mwirukane ibikoko biri mu gitutu caco hamwe n’inyoni ziri mu mashami yaco. 15 Igishitsi caco n’imizi mubireke, ariko mubiboheshe iminyororo y’ivyuma n’iy’imiringa, ivyatsi bitotahaye bikirenge hejuru.
Mukireke gitondweko n’urume ruva kw’ijuru, kibane n’ibikoko vyo mw’ishamba. 16 Kandi mu gihe kingana n’imyaka indwi, ntikize congere kugira ivyiyumviro nk’ivy’abantu, ariko kigire ivyiyumviro nk’ivy’ibikoko.
17 Iyo ngingo yatangajwe n’intumwa, ku rubanza ruciwe n’uwejejwe, kugira ngo umuntu wese ahumeka amenye ko Imana Musumbavyose, iri hejuru y’ingoma zose zo kw’isi kandi yimika uwo ishatse, ikamushira hejuru yazo, naho yoba ari uwo musi y’abandi bose.’
18 Iyo ni yo ndoto, Jewe umwami Nebukadineza nagize. Ubu rero, wewe Beluteshaza, mbwira uko isobanurwa, kuko nta n’umwe wo mu banyabwenge bose bo mu bwami bwanje, ashobora kuyinsobanurira. Ariko, nzi neza ko wewe ushobora gutahura ico ivuga, kuko impwemu y’imana zitagira agasembwa iri muri wewe."
19 Maze Daniyeli ari we bise Beluteshaza aca amara umwanya mu gacerere arengewe n’ivyiyumviro. Ariko, umwami aramubwira ati: "Ntuterwe ubwoba n’iyo ndoto canke ukwo isobanurwa."
Na we aca ambwira ati: "Nyeningoma, ese icompa ivyo iyo ndoto ivuga bikaba ku bansi n’insiguro yayo ikaba ku bakugwanya!" 20 Ico giti wabonye cakuze cane kandi kigakomera, kikaba kirekire ku buryo gikora kw’ijuru kigashobora kubonwa n’abari kw’isi yose, 21 amababi yaco yari meza cane kandi kigatanga ivyamwa bikwiye ku vyaremwe vyose, ibikoko bikibera mu gitutu caco kandi n’inyoni zikarika mu mashami yaco. 22 Nyeningoma, ico giti ni wewe. Wabaye uwuhambaye n’uwukomeye, icubahiro cawe gishika kw’ijuru kandi ubwami bwawe bwuzuye isi yose.
23 Nyeningoma wabonye uwutagira agasembwa amanuka avuye mw’ijuru azanye ubutumwa, avuga ati: "Ico giti nimucicire mugihonye! Ariko igishitsi caco n’imizi mubirekere mw’ivu, biboheshejwe iminyororo y’ivyuma n’iy’imiringa. Mukirekere mu vyatsi bitotahaye, kimare imyaka indwi gitondwako n’urume."
24 Nyeningoma, iyi ni yo nsobanuro, Imana Musumbavyose yatanze itegeko kuri wewe mwami Nyeningoma: 25 uzokurwa mu bantu uje kubana n’ibikoko vyo mw’ishamba; uzorisha ivyatsi nk’inka, utondweko n’urume rwo kw’ijuru. Ibihe indwi bizokuranwa kuri wewe, kugeza aho uzotahurira ko Iyisumbavyose ari yo iganza ubwami bwose bwo mw’isi, ikabuha uwo ishatse wese. 26 Itegeka ko igishitsi n’imizi babireka. Ivyo bisobanurwa ko uzosubira ku ngoma yawe, umaze gutahura ko Imana yo mw’ijuru ari yo iganza vyose. 27 Nuko, Nyeningoma, ndagusavye wakire impanuro ndaguhaye: "Uve mu vyaha vyawe utangure kubaho mu bugororotsi; ugirire imbabazi abahahazwa. Ni ho ivyawe bizogenda neza, ugatera imbere ikindi gihe kirekire."
28 Ivyavuzwe ku mwami Nebukadineza vyaramushitseko vyose. 29 Inyuma y’amezi icumi n’abiri, yariko agendagenda hejuru ku kirimba i Babiloni, 30 maze aravuga ati: "Mbega aha si i Babiloni, igisagara gihambaye ahari ikirimba niyubakiye n’ubushobozi bwanje ngo kimpeshe icubahiro?"
31 Ayo majambo akiva mu kanwa kiwe, haza ijwi rivuye mw’ijuru rimubwira riti: "Mwami Nebukadineza, iyi ni yo ngingo yafashwe kuri wewe, ububasha buva ku ngoma urabwatswe. 32 Uzokurwa mu bantu hanyuma uje kubana n’ibikoko vyo mw’ishamba; aho uzorisha ivyatsi nk’inka. Uzomara imyaka indwi ibihe bigukuranwako, kugeza igihe uzotahurira ko Imana Musumbavyose ari yo iganza ingoma zose zo kw’isi kandi ko ingoma yose iyiha uwo ishatse."
33 Ubwo nyene, ivyari vyavuzwe kuri Nebukadineza vyaciye bishika. Yaciye akurwa mu bantu, hanyuma arisha ubwatsi nk’inka. Umubiri wiwe utondwako n’urume rwo kw’ijuru kugeza aho umushatsi wiwe wakuze ukamera kurya kw’amoya y’inkona n’inzara ziwe zirakura zimera nk’iz’inyoni.
34 Iyo myaka indwi iheze, jewe Nebukadineza, narangamije mw’ijuru, ubwenge buragaruka. Maze nca ntangura gutazira no gushima Iyisumbavyose no guha icubahiro Ibaho ibihe bitazoshira.
Inganji yayo ntizorangira,
kandi ingoma yayo izohoraho uko urunganwe ruzogenda rusubirira urundi.
35 Abantu bose bo kw’isi,
baboneka bameze nk’ubusa.
Ikora ivyo ishatse,
n’ubushobozi bwo mw’ijuru
hagati mu bantu bo kw’isi.
Nta muntu n’umwe ashobora gufata ukuboko kwayo,
canke ngo ayibaze ati: "Mbega aho wakoze iki?"
36 Uwo mwanya nyene nasubijwe ubwenge, nsubizwa n’ubwiza n’icubahiro vyanje, kugira ngo ingoma yanje igire ubwiza. Abahanuzi n’abandi banyacubahiro banje baca barandondera hanyuma nsubizwa ku ngoma yanje, mbere nca mba uwuhambaye kurusha uko nari imbere y’aho. 37 Ubu rero, jewe Nebukadineza, ndahimbaza kandi ngaha icubahiro nongera nshima Umwami wo mw’ijuru. Kuko ibikorwa vyiwe ni ivy’ukuri kandi biragororotse, ashobora no gucisha bugufi abibone bose.