Publicidade

Daniel 1

Daniyeli ajanwa i Babiloni

1 Mu mwaka ugira gatatu umwami Yehoyakimu w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Nebukadineza umwami w’i Babiloni yaja gutera i Yerusalemu arahugariza. 2 Umwami Imana amuha kunesha Yehoyakimu umwami w’i Buyuda kandi yemera ko na bimwe mu bikoresho vyejejwe vyo mu Ngoro y’Imana abinyaga. Nebukadineza abitwara i Babiloni abishira mu nzu y’imana yiwe.

3 Hanyuma umwami ategeka Ashipenazi, umukuru w’abakozi bo ku kirimba iwe, kumuzanira bamwe bo mu Bisirayeli bakomoka mu miryango y’abami n’iy’abubahwa, 4 abasore b’amagara meza, b’akaranga, bashoboye kwiga ningoga, bafise impano y’ubwenge no gutahura kandi bashoboye gukora ku kirimba i bwami. Yategerezwa kubigisha ururimi n’ivyanditswe vy’i Babiloni. 5 Umwami ategeka ko babagaburira ku vyo asanzwe afungura, bakanywa no ku muvinyu asanzwe anywa. Bategerezwa kumara imyaka itatu bigishwa, hanyuma bagaca batangura gukora i bwami.

6 Mu basore bahisemwo, harimwo Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya, bose bava i Buyuda. 7 Umukuru w’abakozi b’i bwami abaha ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shadarake, Mishayeli amwita Meshake, Azariya na we amwita Abedinego.

8 Maze Daniyeli agira imigabo yo kutihumanisha ivyokurya n’umuvinyu vy’umwami, aca asaba umukuru w’abakozi b’i bwami ngo amwemerere kutavyihumanisha. 9 Imana iha Daniyeli gutona no gukundwa n’uwo mukuru w’abakozi b’i bwami. 10 Ariko abwira Daniyeli ati: "Umwami databuja ni we yategetse ivyo murya n’ivyo munywa. Niyabaraba agasanga muronze ntimusa n’abandi basore mungana, ndatinya ko azonca umutwe."

11 Nuko Daniyeli aca avugana n’uwari abajejwe, uwo umukuru w’abakozi b’i bwami yari yahaye igikorwa co gukurikirana Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya, amubwira ati: 12 "Turagusavye utugerageze imisi cumi, utureke turye imboga, tunywe n’amazi. 13 Inyuma y’iyo misi uzorabe ingene tuzoba dusa utugereranije n’abandi basore barya ivyokurya vy’umwami. Hanyuma uzotugenze uko uzoba ubona bikwiye ukurikije ivyo uzoba wabonye." 14 Uwo yari abajejwe aravyemera, aca afata imisi icumi yo kubageza.

15 Iyo misi icumi iheze, Daniyeli na bagenziwe baboneka bavyibushe, bafise amagara meza kandi basa neza kurusha ba basore bandi barya ivyokurya vy’umwami. 16 Kuva ico gihe, umwe abajejwe aca abemerera kwama barya imboga, ntiyongera kubahatira ku vyokurya n’umuvinyu bari bategekanirijwe.

17 Imana iha abo basore bane kumenya no gutahura inyandiko z’uburyo bwinshi kandi zitandukanye no kugira ubwenge. Daniyeli we yarashobora gutahura no gusobanura ivyahishuwe mw’iyerekwa n’indoto z’uburyo bwose.

18 Igihe co kwiga cashinzwe n’umwami kirangiye, wa mukuru w’abakozi b’i bwami ajana ba basore imbere ya Nebukadineza. 19 Umwami avugana na bo bose, ariko nta n’umwe yabonetse anganya ubwenge na Daniyeli, na Hananiya, na Mishayeli na Azariya. Nuko baca bakora ku kirimba i bwami. 20 Igihe cose umwami ababajije ikintu ico ari co cose cerekeye ubwenge no gutahura, yama asanga barusha abanyamareba n’abapfumu bose bo mu bwami bwiwe incuro icumi.

21 Nuko Daniyeli aguma akorera ku kirimba i bwami kugeza mu mwaka wa mbere w’ingoma y’umwami Kuro.

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-