Publicidade

Daniel 10

Ibindi Daniyeli yeretswe

1 Mu mwaka ugira gatatu, umwami Kuro w’Ubuperesi ari ku ngoma, hariho ibindi Daniyeli (ari we bise Beluteshaza) yeretswe. Ubutumwa yaronse bwari ubw’ukuri kandi bwari bwerekeye ibihe vy’intambara ihambaye. Daniyeli yumviriza cane ivyo abwiwe hanyuma abitahuzwa n’ivyo yeretswe.

2 Ico gihe, Jewe Daniyeli, namaze amayinga atatu yose ngandaye. 3 Nta vyokurya vyiza canke inyama nafungura, nta n’umuvinyu nanywa kandi nta n’amavuta nisiga mu maso canke mu mutwe kugeza ayo mayinga atatu aheze.

4 Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kwa mbere, nari mpagaze ku nkombe y’uruzi runini Tigiri, 5 nunamuye amaso, mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana, afise mu rukenyerero umukanda w’inzahabu ziva muri Ufazi. 6 Umubiri wiwe wasa n’akabuye k’igiciro kinini kitwa topazi, mu maso hiwe hakaravya nk’imiravyo, kandi amaso yiwe yamurika kurya kw’amatara, amaboko n’amaguru vyiwe, vyarakayangana kurya kw’umwakaka iyo wasenywe neza, kandi ijwi ryiwe ryasamirana nk’amajwi y’abantu isinzi.

7 Jewe Daniyeli ni jewe jenyene nabonye ivy’iryo yerekwa, abagabo twari kumwe nta na kimwe babonye, ariko bagize ubwoba bwinshi baca bariruka kwinyegeza. 8 Nasigaye ngaho jenyene, ndaba iryo yerekwa ry’igitangaza. Nta nkomezi na nkeya nari ngifise, mu maso hanje hariraburanirwa hasa n’ah’uwapfuye kandi ngira intege nke cane. 9 Mu nyuma numvise wa muntu avuga, kandi numvise ugusamirana kw’ijwi ryiwe, nca ncika intege nikubita hasi nubamye.

10 Numva ukuboko kuje kunkorako kuramvyura, ndapfukama kandi nshira ibiganza hasi, ariko nari ngihinda agashitsi. 11 Hanyuma wa muntu arambwira ati: "Daniyeli, wa muntu we w’igiciro kinini, umviriza neza ivyo ngomba kukubwira, kandi haguruka, kuko nagutumweko." Amaze kumbwira ivyo, nca ndahaguruka mpinda agashitsi.

12 Maze aca arabandanya ati: "Daniyeli, ntutinye. Kuva umusi wa mbere watanguriyeko gusenga usaba gutahura kandi wicishije bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumvikanye mw’ijuru, none nje nkuzaniye inyishu y’amasengesho yawe. 13 Ariko impwemu itegeka ubwami bw’Ubuperesi yaranzibiye imisi mirongo ibiri n’umwe. Hanyuma Mikaheli, umwe mu bamarayika bakuru, aca araza kuntabara, kuko ni ho nari mbohewe n’umutware w’ubwami bw’Ubuperesi. 14 None rero, nzanywe no kukumenyesha ibizoba ku bwoko bwawe muri kazoza, kuko iyerekwa wagize ryerekeye igihe kizoza."

15 Akiriko arambwira, nca nunamika amaso, biranka n’uko mvuga. 16 Hanyuma umwe asa n’umuntu aca ankora ku minwa, nca nshobora guteranura akanwa no kuvuga. Nca mbwira umwe ahagaze imbere yanje nti: "Mwami wanje, erega nuzuye umubabaro kubera ivyo neretswe, kandi mfise intege nke cane. 17 Mbega Mwami wanje, umusavyi wawe nkanje yoshobora kugira ico akubwiye? Inkomezi zamvuyemwo, ndetse no guhema birangora."

18 Umwe asa n’umuntu arongera ankorako, nca numva inkomezi ziragarutse. 19 Arambwira ati: "Nta co utinya, kuko uri uw’igiciro kinini ku Mana. Gira amahoro! Komera! Komera!"

Ariko arambwira ayo majambo, ubwo nyene nca numva ngize inguvu nca ndamubwira nti: "Mwami wanje, ndagusavye umbwire ndakwumva kuko wanyongeye inkomezi."

20 Nuko aca ambwira ati: "Mbega urazi icatumye nza? Ubu ngira nsubire kugwana n’impwemu itegeka Ubuperesi, kandi maze kurengana, impwemu itegeka Ubugiriki izoca iza. 21 Ariko ngira ndakubwire ivyanditswe mu Gitabu c’Ukuri. Muri urwo rugamba nta n’umwe antabara kiretse Mikaheli, umumarayika wanyu."

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_12-43-22-