Publicidade

Daniel 8

Daniyeli yerekwa impfizi y’intama n’impfizi y’impene

1 Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli nongeye kwerekwa ibindi, bikurikira ivyo nari mperutse kubona. 2 Muri ukwo kwerekwa, nabona ndi i Suza, igisagara gikomeye c’i Babiloni co mu ntara yitwa Elamu; muri ukwo kwerekwa mbona mpagaze impande y’Uruzi rwitwa Ulayi. 3 Ngize gutya, mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze i ruhande y’urwo ruzi, kandi ayo mahembe yari maremare. Ihembe rimwe ryari rirerire gusumba irindi, ariko mu nyuma na ryo n’irindi naryo rirakura. 4 Iyo mpfizi y’intama igenda iraseka itumbereye mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko. Nta gikoko na kimwe cari gikomeye ku buryo coshoboye kuyihangara, kandi nta kintu na kimwe cashobora kunanira ubushobozi bwayo. Yakora uko ishaka, mbere igera aho iba agahambaye cane.

5 Nkiriko ndavyiyumvirako, ubwo nyene nca mbona impfizi y’impene ifise ihembe rimwe hagati y’amaso, ije ivuye mu burengero, mbona igendagenda kw’isi yose kandi ikanyaruka ku buryo wamenga amaguru ntiyakora no hasi. 6 Igenda itumbereye ya mpfizi y’intama nari nabonye ihagaze i ruhande y’uruzi, yiruka iyitumbereye ifise uburake bwinshi. 7 Mbona iyigwanya n’ishavu ryinshi, iseka iyo ntama ivuna ya mahembe yompi. Iyo mpfizi y’intama nta bushobozi yari igifise bwo kugwana n’iyo mpfizi y’impene, iyikubita hasi irayisiribanga. Nta muntu n’umwe yari gushobora gutabara iyo mpfizi y’intama ngo ayikure mu maboko y’iyo mpfizi y’impene. 8 Iyo mpfizi y’impene ica iba agahambaye. Ariko igeze aho ikomera cane, rya hembe ryayo rirerire riravunika. Mu kibanza c’iryo hembe rirerire, hamera ayandi mahembe ane atumbereye impande zine z’isi.

9 Maze, mu kibanza c’ihembe rimwe muri ayo, hamera ihembe ritoya ariko rica rirakomera rigira ububasha bwinshi butumbereye mu bumanuko, mu buseruko no mu gihugu ciza Isirayeli. 10 Ako gahembe karakomera gashikira amajuru, kugeza aho kagwanya ingabo zo kw’ijuru, kandi zimwe muri zo kazikubita hasi, karazisiribanga. 11 Mbere kagwanya umukuru w’ingabo zo mw’ijuru mu kubuza abantu kumuha ibimazi no mu gusambura urusengero rwiwe. 12 Ingabo zo mw’ijuru zirabujijwe kuja kugwanya ubwo bugarariji. Maze, ikimazi gitangwa imisi yose nticaba kigitangwa, ukuri nakwo kurahonyangwa. Ako gahembe kagira intsinzi mu vyo kakora vyose.

13 Hanyuma numva abera babiri bo mw’ijuru bavugana, umwe abaza mugenziwe ati: "Mbega ivyo vyerekanywe bizofata igihe kingana iki? Ivyerekanywe vyerekeye umugararizo utuma ikimazi cama gitangwa ku musi ku musi, gihagarikwa hamwe no guhumanya urusengero? Urusengero n’abantu b’Imana bizoba musi y’ububasha bw’ako gahembe kugeza ryari no gusiribangirwa musi y’ibirenge vyako?"

14 Uwundi aramwishura ati: "Kugira ngo urusengero ruhumanurwe kandi rwongere gukora, hazoca amajoro n’ibitondo ibihumbi bibiri n’amajana atatu."

Insobanuro y’ivyo neretswe

15 Igihe nariko nderekwa ngerageza gutahura ivyo mbonye ivyo ari vyo, nabonye uwusa n’umuntu aje ahagaze imbere yanje. 16 Kandi ngaho impande y’uruzi Ulayi, hava ijwi rimeze nk’iry’umuntu rivuga riti: "Gaburiyeli, bwira uwo mugabo insobanuro y’ivyo yeretswe."

17 Maze Gaburiyeli yegereye aho nari mpagaze, ngira ubwoba bwinshi nca nikubita hasi nubamye. Aca arambwira ati: "Mwana w’umuntu, tahura ko ivyo weretswe vyerekeye igihe c’iherezo."

18 Akiriko aravuga, nca ncika intege, ngwa hasi nubamye. Ariko Gaburiyeli ankorako, aramvyura arampagarika.

19 Hanyuma aca ambwira ati: "Ngiye kukubwira ibizoba hanyuma mu gihe Imana izokwerekana uburake bwayo, kuko ivyo weretswe vyerekeye igihe cashinzwe c’iherezo. 20 Amahembe abiri y’intama asobanura abami b’Abamedi n’Abaperesi. 21 Impfizi y’impene na yo, isobanura ubwami bw’Abagiriki, ihembe rirerire ryayo riri hagati y’amaso risigura umwami wa mbere w’ubwo bwami bw’Abagiriki. 22 Amahembe ane yasubiriye rimwe ryavunika, yerekana ko ubwo bwami bw’Abagiriki buzogabanganywa, havemwo ubwami bune, ariko ntibuzoba bukomeye nka bumwe bwa mbere.

23 Ubwo bwami bugiye kurangira, igihe ibicumuro vyabwo bizoba vyuzuye, hari uwundi mwami azokwima, azoba ari inkozi y’ikibi kandi ari indyarya. 24 Azokomera cane, ariko bitavuye ku bushobozi bwiwe. Azokwica ibintu vyinshi kandi ivyo agomba gukora vyose azobishikako. Azotikiza abarongozi bakomeye kandi yice abera b’Imana. 25 Ibinyoma vyiwe bizotuma ashishikara kuja imbere, bitume yishira hejuru; kandi azokwica abantu benshi giturumbuka yongere agwanye Umwami w’abami, mu nyuma azovunagurwa, ariko bitavuye ku nkomezi z’umuntu.

26 Ivyo weretswe vyerekeye amajoro n’ibitondo ni ukuri. Ariko ubigire ibanga kuko bizoba haciye igihe kirekire."

27 Hanyuma, jewe Daniyeli nca numva ncitse intege. Ndakumbagara, mara imisi myinshi ngwaye. Maze mu nyuma ndavyuka, nkora ibikorwa nari njejwe gukorera umwami. Ariko nari mbabajwe cane n’ivyo neretswe kuko ntashobora kwumva neza ivyo ari vyo.

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-