1 Mu mwaka ugira kabiri ari ku ngoma, Nebukadineza yagize indoto zikomeye zituma vyanka ko asubira gusinzira. 2 Aca atumako abanyamareba, abapfumu, abarozi n’abaragurisha kuraba inyenyeri, kugira ngo bamubwire ivyo yarose. Bashitse imbere yiwe, 3 arababwira ati: "Narose indoto kandi yambujije amahoro. Ngomba kumenya ico isobanura."
4 Abaragurisha kuraba inyenyeri baramwishura bati: "Mwami nyaguhoraho, tubwire iyo ndoto twebwe abasavyi bawe, natwe turaheza tukubwire insobanuro yayo."
5 Umwami yishura abaragurisha kuraba inyenyeri ati: "Ng’iyi ingingo nafashe: nimutambwira indoto narose n’insobanuro yayo, muratemagurwa kandi n’inzu zanyu ndazihindura imisaka. 6 Ariko nimwambwira iyo ndoto n’ingene isobanurwa, ndabaha ingabire nyinshi n’icubahiro cinshi. Nimumbwire rero indoto narose n’ico isigura!"
7 Na bongera kwishura umwami bati: "Nyeningoma, ehe tubwire twebwe abasavyi bawe ivyo warose, hanyuma tukumenyeshe ingene bisobanurwa."
8 Umwami arabishura ati: "Ndabona ko muriko muragerageza kuraba ko umwanya woba urahera, kuko mubona ko namaze gufata ingingo. 9 Ariko nimutambwira ivyo narose, mwese murindiriwe n’igihano kimwe. Mwamaze kuja inama mbi yo kumbesha, mwibaza ko mpava mpindura ingingo nafashe. Ubu rero mimumbwire indoto narose, hanyuma nca menya ko mushobora no kumbwira uko isobanurwa."
10 Abo baragurisha kuraba inyenyeri baramwishura bati: "Nta muntu n’umwe kw’isi ashobora gukora ivyo umwami adutegetse! Kandi nta mwami, uko yoba ahambaye kwose akaba n’agakomeye, yosaba ikintu nk’ico umunyamareba, umupfumu n’uwuragurisha kuraba inyenyeri n’umwe! 11 Ivyo umwami asavye ntibishoboka. Nta muntu n’umwe yoshobora kukubwira ivyo warose atari imana, kandi izo na zo ntizibana n’abantu."
12 Umwami aca arashavura cane, mbere aca ategeka ko ba kamenyi bose b’i Babiloni bicwa. 13 Icagezwe c’umwami kimaze gutangazwa ko ba kamenyi bose bicwa, baca barungika abantu kurondera Daniyeli na bagenziwe ngo na bo bicwe.
14 Igihe Ariyoki, umukuru w’abacungera umutekano w’umwami yari agiye kwica ba kamenyi, Daniyeli amenya ingene amuvugisha mu bwenge n’ubwitonzi. 15 Abaza Ariyoki umukuru w’abacungera umutekano w’umwami ati: "Mbega ni kuki umwami yatanze itegeko riteye ubwoba nk’iryo?" Ariyoki aca amusigurira ivyabaye vyose. 16 Ako kanya Daniyeli aca aja kuraba umwami kugira ngo amusabe umwanya wo kwitegura, hanyuma aze amusobanurire iyo ndoto.
17 Daniyeli arataha, abwira bagenziwe Hananiya, Mishayeli na Azariya ivyabaye. 18 Arabahimiriza ngo basenge cane basabe Imana nyene ijuru ibagirire ubuntu ibamenyeshe iryo banga, kugira ngo ntibicanwe n’abandi ba kamenyi b’i Babiloni. 19 Iryo joro nyene, Daniyeli ahishurirwa iryo banga mu buryo bw’inzozi. Daniyeli aca ahimbaza Imana yo mw’ijuru, 20 avuga ati:
"Izina ry’Imana rishirwe hejuru ibihe vyose,
ubwenge n’ubushobozi ni ivyayo.
21 Ni yo igera ingene ibihe bikuranwa;
ikuraho abami, ikimika abandi.
Iha ubwenge abanyabwenge
n’ugutahura abakurondera.
22 Ni yo ihishura ibihishijwe,
ikamenya ibiri mu mwijima
kandi umuco ubana na yo.
23 Ndagutazira kandi ndaguhimbaza, Mana ya ba sogokuruza,
kuko wampaye ubwenge n’ubushobozi,
ukampa kumenya ivyo twakubajije,
ukatumenyesha indoto y’umwami."
24 Maze Daniyeli aca aja kuraba Ariyoki, uwo umwami yari yatumye kwica ba kamenyi b’i Babiloni. Aramubwira ati: "Ntiwice ba kamenyi b’i Babiloni, njana iyo umwami ari ndamumenyeshe ico indoto yiwe isigura."
25 Ariyoki aca ajana Daniyeli iyo umwami ari yihuta, abwira umwami ati: "Naronse umwe mu banyagano b’Abayuda ashobora kukumenyesha ico indoto warose isigura."
26 Umwami abaza Daniyeli, uwo bise Beluteshaza, ati: "Ni ivy’ukuri ko ushobora kumbwira indoto narose n’ingene isobanurwa?"
27 Daniyeli yishura umwami ati: "Nta muntu n’umwe yaba kamenyi, umupfumu, umunyamareba canke uwuragura yoshobora kukumenyesha iryo banga; 28 ariko hariho Imana iba mw’ijuru ishobora guhishura amabanga. Ni yo yahishuriye umwami Nebukadineza ibizoba muri kazoza. Indoto yawe hamwe n’ivyo weretswe vyaciye mu mutwe wawe igihe wari uryamye ku buriri bwawe ni izi:
29 Nyeningoma, igihe wari usinziriye, warose ivyerekeye ibihe bizoza kandi iyihishura amabanga yakweretse ibizoba mu gihe kiri imbere. 30 Ku binyerekeye, iryo banga sinarihishuriwe kubera ndusha abandi ubwenge, ariko ni kubera Imana igomba ko wewe Nyeningoma umenya ico indoto warose isigura kandi utahure ivyiyumviro vyatumye uhagarika umutima.
31 Nyeningoma, mu ndoto yawe wabonye igishushanyo kinini gisa n’umuntu gikayangana kandi giteye ubwoba gihagaze imbere yawe. 32 Umutwe w’ico gishusho wari ugizwe n’inzahabu nziza, amaboko n’igikiriza vyari bigizwe n’ifeza, inda n’urukenyerero vyari bigizwe n’umwakaka, 33 amaguru yaco yari agizwe n’ivyuma, ibirenge vyaco na vyo bikaba vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba. 34 Uriko uraraba, wabonye ibuye ridatewe n’umuntu n’umwe rivudutse ku musozi, riraza rikubita ibirenge vya ca gishusho bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba, rirabijanjagura. 35 Nuko ca cuma na rya bumba, wa mwakaka, ya feza na ya nzahabu vyose bihinduka umukungugu, umuyaga uraza urabitumura, aho vyahora ntihasigara n’akamenyetso kavyo. Ariko iryo buye ryamenaguye ico gishusho rica rirakura, rivamwo umusozi munini wuzura isi yose.
36 Iyo ni yo ndoto yawe, ubu na ho ngira ndakubwire uko isobanurwa. 37 Nyeningoma, wewe uri umwami ahambaye cane mu bandi bami bose. Imana yo mw’ijuru yaguhaye ububasha bwinshi, ubushobozi, inkomezi n’icubahiro. 38 Yaguhaye gutegeka ahantu hose haba abantu, mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba n’inyoni ibishira musi y’ubutware bwawe. Ni wewe rero uri uwo mutwe w’inzahabu w’ico gishusho.
39 Inyuma y’ubwami bwawe, hazoza ubundi bwami butazoba buhambaye nk’ubwawe, hanyuma haze n’ubwa gatatu bugereranywa n’umwakaka kandi na bwo butegeke isi yose. 40 Hanyuma hazoza ubwami bugira kane, buzoba bukomeye nk’icuma, buzomenagura busanzaze ubwami bwose bwabwitangiye imbere, kurya ivyuma bimenagura bigasanzaza ikintu cose. 41 Ibirenge n’amano wabonye, vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba, vyerekana ko ubwo bwami buzoba butagira ubumwe; ariko buzoba burimwo ubushobozi nk’ubw’icuma, nk’uko wabonye icuma cari kivanze n’ibumba. 42 Ariko nk’uko mu mano igice kimwe cari kigizwe n’icuma ikindi kigizwe n’ibumba, ubwo bwami hamwe buzoba bufise inkomezi, ahandi buzoba bufise intege nke. 43 Kandi nk’uko wabonye icuma cari kivanze n’ibumba, ni ko abantu b’ubwo bwami bazogerageza kugiriranira amasezerano yo kwifatanya. Ariko kurya icuma bidashobora gufatana neza n’ibumba, ni ko bitazokunda ko bwifatanya.
44 Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw’ijuru izokwihagurukiriza ubwami butazokwigera burangira canke ngo bukurweho n’ubundi. Buzorandura ubwo bwami bwose buburangize, ariko bwo buzokwamaho ibihe bidashira. 45 Insobanuro y’ivyo ni ibuye wabonye riva ku musozi kandi ridatewe n’ukuboko kw’umuntu n’umwe, rikikubita kuri ca gishusho, rikamenagura icuma, umwakaka, ibumba, ifeza n’inzahabu.
Imana ihambaye yeretse umwami ibizoba mu gihe kiri imbere. Iyo ndoto ni iy’ukuri kandi insobanuro yayo ni iyo kwizerwa."
46 Umwami Nebukadineza aca yikubita hasi yubamye imbere ya Daniyeli, amuha icubahiro cinshi, atanga itegeko ngo bamubagire ibimazi bongere bamuturirire ibimota neza. 47 Umwami abwira Daniyeli ati: "Ni ukuri, Imana yawe ni yo Mana iri hejuru y’ivyitwa imana vyose, iganza abami bose igahishura ibihishijwe, kuko washoboye guhishura iryo banga."
48 Hanyuma umwami aca aha Daniyeli ikibanza c’icubahiro, amuha n’ubundi bushimwe bwinshi, amuha kuganza abahanuzi b’umwami bose bo mu ntara ya Babiloni. 49 Vyongeye, abisabwe na Daniyeli, umwami aha Shadarake, Meshake na Abedinego gutegeka intara yose ya Babiloni. Daniyeli we aguma ku kirimba i bwami.